1
Matayo 19:26
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.”
Спореди
Истражи Matayo 19:26
2
Matayo 19:6
Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
Истражи Matayo 19:6
3
Matayo 19:4-5
Yesu arabishura ati: “Ntimurasoma ko mu ntango Umuremyi yabaremye ari umugabo n’umugore, hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’
Истражи Matayo 19:4-5
4
Matayo 19:14
Maze Yesu arababwira ati: “Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo.”
Истражи Matayo 19:14
5
Matayo 19:30
Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo babe ab’imbere.
Истражи Matayo 19:30
6
Matayo 19:29
Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.
Истражи Matayo 19:29
7
Matayo 19:21
Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
Истражи Matayo 19:21
8
Matayo 19:17
Yesu aramwishura ati: “Ni kuki umbaza ivyerekeye iciza? Umwiza ni umwe. Nimba ugomba kwinjira mu bugingo, kurikiza amabwirizwa.”
Истражи Matayo 19:17
9
Matayo 19:24
Kandi ndabisubiyemwo: vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rwo kubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana!”
Истражи Matayo 19:24
10
Matayo 19:9
Kandi ndababwire, umuntu wese yirukana umugore atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba asambanye.”
Истражи Matayo 19:9
11
Matayo 19:23
Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru.
Истражи Matayo 19:23
Дома
Библија
Планови
Видеа