Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 24

24
Yesu avuga ibimenyetso vyo kugaruka kwiwe
1Yesu ariko arasohoka ava mu rusengero, abigishwa biwe baramwegera, bamwereka ingene urusengero rwubatse. 2Na we arabishura ati: “Murabona ibi vyose? Ndababwira ukuri ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi, yose azosamburirwa hasi.”
3Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono, biherereye, abigishwa biwe baramubaza bati: “Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ukugaruka kwawe n’umuhero w’isi?”
4Yesu arababwira ati: “Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abazimiza 5kuko benshi bazoza mw’izina ryanje bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi bazozimiza benshi. 6Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika. 7Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazotera ikigoyi n’ukunyiganyiga kw’isi. 8Ivyo vyose bizoba ari nk’intango y’ibise.
9 Hanyuma bazobafata babahame, ndetse banabice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje. 10Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane. 11Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi. 12Kuko ikibi kizogwira, urukundo rwa benshi na rwo ruzotimba. 13Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokizwa. 14Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.
15 Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ # 24:15 Daniyeli 9:27; 11:31; 12:11 cavugwa n’uwavugishwa n’Imana Daniyeli gihagaritswe Ahera; uwusoma natahure, 16abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi. 17Uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntaze asubire mu nzu kurondera ivyo ahungana. 18Uwuzoba ari mu murima ntaze asubire i muhira gutora impuzu. 19Ese ukuntu iyo misi izoba ari iy’umubabaro utagira uko ungana ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa! 20Musenge kugira ngo uguhunga kwanyu ntikuze kube mu gihe c’imbeho nyinshi cane canke ku musi w’Isabato. 21Kuko muri iyo misi hazobaho umubabaro mwinshi utigeze kubaho kuva isi iremwa kugeza ubu, kandi ntuzosubira kubaho.
22 Kandi iyo misi iyo itagabanywa, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi izogabanywa. 23Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: ‘Ehe Kristo ari hano!’ canke ngo: ‘Ehe ng’uriya!’ ntimuze muvyemere. 24Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe. 25Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.
26 Nihagira uwubabwira ati: ‘Erega, Kristo ari mu bugaragwa,’ ntimuze muje kumuronderayo. Canke ati: ‘Raba ari hano mu vyumba,’ ntimuze muvyemere. 27Kuko nk’uko umuravyo urabiriza mu buseruko ukabonekera no mu burengero, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza. 28Aho umuvyimba uzoba uri, ni ho ibisiga vy’amero bizokoranira.
29 Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi,
‘izuba rizocura umwijima,
n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,
inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru,
n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’ # 24:29 Yesaya 13:10; 34:4
30 Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana ukugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro. 31Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba zisamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.
32 Nimwigire ku giti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye gutoha, amababi na yo agatutuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi. 33Nuko namwe, nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko ukugaruka kwiwe kuri hafi, ko ageze kw’irembo. 34Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika. 35Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.
Nta wuzi umusi n’isaha
36 Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene. 37Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe co kugaruka kw’Umwana w’Umuntu. 38Kuko imbere y’uko umwuzure uza, bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika ku musi Nowa yinjiriye mu bwato. 39Ntibigeze bamenya ibigira bibe kugeza umwuzure uje ukabatwara bose. Uko ni ko bizomera igihe Umwana w’Umuntu azozira. 40Abagabo babiri bazoba bari mu murima, umwe azojanwa uwundi asigare. 41Abagore babiri bazoba bariko barasya ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi asigare.
42 Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako. 43Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizirako, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe. 44Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.
45 Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye. 46Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka. 47Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose. 48Ariko vyogenda gute hamwe yoba ari umukozi mubi, maze akibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ 49hanyuma agatangura gukubita abakozi bagenziwe, kurya no kuborerwa hamwe n’izindi mborerwa? 50Shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi. 51Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo ku bw’umubabaro mwinshi.”

Attualmente Selezionati:

Matayo 24: BKC

Evidenzia

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi