Luka 20

20
Aho ububasha bwa Yesu buva
1Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abaherezi bakurubakuru, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari. 2Baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”
3Arabishura ati: “Reka nanje mbanze ndababaze. Nimunyishure: 4Mbega umubatizo wa Yohana wavuye mw’ijuru ku Mana canke ku bantu?”
5Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ aca atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’ 6Nitwavuga tuti: ‘Ni ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko bemera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”
7Nuko baramwishura bati: “Ntituzi aho wavuye.”
8Yesu na we aca ababwira ati: “Nanje rero, sindababwira ububasha butuma nkora ibi aho buva.”
Umugani w’uruzabibu n’abarukoramwo
9Hanyuma Yesu acira umugani abari ngaho, avuga ati: “Habaye umuntu yarimye uruzabibu, hanyuma aruzeza abarimyi, afata urugendo rwa kure, amarayo igihe kinini. 10Iyimbura rigeze, atuma umukozi wiwe kuri ba barimyi kugira ngo bamuhe igice c’umwimbu w’inzabibu kimwegukira. Ariko ba barimyi bafata uwo mukozi baramukubita, bamurungika iminwe misa. 11Hanyuma arungika uwundi mukozi, na we nyene baramutuka, baramukubita, bamurungika iminwe misa. 12Arungika n’uwa gatatu; we baramukomeretsa, bamuterera inyuma y’uruzabibu.
13 Nyene uruzabibu aribaza ati: ‘Mbega yemwe ngire gute? Reka ndungike umuhungu wanje nkunda cane, kumbure wewe bazomusonera.’
14 Ariko ba barimyi bakimubona baca batangura kuvugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’ 15Nuko bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu bamwicirayo.
None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza azobagira gute? 16Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.”
Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ikintu kibi nk’ico ntikikabe!”
17Yesu arabitegereza, arababaza ati: “None aya majambo yo mu Vyanditswe avuga ngo:
‘Ibuye abubatsi bagaye
ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka’ # 20:17 Zaburi 118:22 asobanura iki?
18 Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, kandi uwo rizogwako rizomusya.”
19Abigisha b’ivyagezwe n’abaherezi bakurubakuru barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.
Gutanga ikori rya Kayisari
20Nuko batangura kumugenza, bahera abantu bigize abubaha Imana ngo bamutegere mu majambo avuga, kugira ngo baronke ivyo bamurega ku bategetsi b’Abaroma. 21Ba bantu babaza Yesu bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi wigisha ivy’ukuri. Nta ho uhengamira, kandi wigisha inzira y’Imana mu kuri kwose. 22None rero tubwire: mbega biremewe gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemewe?”
23Yesu abonye ubugunge buri muri bo, aca ababwira ati: 24“Nimunyereke igiceri c’idenariyo. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?”
Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.”
25Aca ababwira ati: “Nuko rero, ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”
26Ntibabaye bakironka ingene bomufatira ku vyo avuga ku mugaragaro, ahubwo batangajwe n’inyishu yiwe, baca barahora.
Ivy’abagabo n’abagore inyuma y’izuka
27Maze bamwe mu Basadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho Yesu ari baramubaza bati: 28“Mwigisha, Mose yanditse avuga ko iyo umuntu apfuye agasiga umugore atagira abana, uwo bavukana ategerezwa kurongora uwo mupfakazi kugira ngo aronkere uruvyaro uwo muhisi. 29Rero, harigeze kuba abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye. 30Uwa kabiri aca arongora uwo mupfakazi, 31n’uwa gatatu bigenda uko, gushika no ku w’indwi bose biba nk’uko, bapfa ata wusize umwana. 32Maze haheze igihe n’uwo mugore arapfa. 33None ku musi w’izuka ry’abapfuye uwo mugore azoba uwa nde, ko yabaye umugore w’abo bahungu bose uko ari indwi?”
34Yesu arabishura ati: “Abantu bo muri kino gihe bararongora kandi bararongorwa. 35Ariko abazoba babereye kuzuka mu bapfuye no kuba mw’isi nshasha ntibazorongora canke ngo barongorwe. 36Vyongeye ntibazoba bagipfa, kuko bazoba bameze nk’abamarayika. Bazoba ari abana b’Imana, kuko bazoba bazutse. 37Ku vyerekeye izuka ry’abapfuye, na Mose ubwiwe yaravyerekanye, igihe yavuga ivy’igisaka caka kidatemuka, akavuga ko Uhoraho ari Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo.#20:37 Kuvayo 3:6 38Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima, kuko kuri yo bose bariho.”
39Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe barishura bati: “Uvuze neza, Mwigisha.” 40Ntibabaye bacubahuka kumubaza ikibazo na kimwe.
Yesu ni mwene nde?
41Yesu aca ababwira ati: “Ni kubera iki muvuga ngo Kristo ni mwene Dawidi? 42Dawidi ubwiwe ni we yivugiye mu gitabu ca Zaburi ati:
‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati:
“Icara i buryo bwanje
43 kugeza abansi bawe bose
ndabashize musi y’ibirenge vyawe.” # 20:43 Zaburi 110:1
44 None nimba Dawidi amwita Umwami, yoba umwana wiwe gute?”
Mwirinde abigisha b’ivyagezwe
45Yesu abwira abigishwa biwe, abari aho bose bumva, ati: 46“Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru y’amazimano. 47Barya amazu y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”

હાલમાં પસંદ કરેલ:

Luka 20: BKC

Highlight

નકલ કરો

Compare

શેર કરો

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in