Luka 19
19
Zakayo umutozakori yihana
1Nuko Yesu yinjira mu gisagara ca Yeriko, ahaca arengana. 2Muri ico gisagara hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari atunze cane. 3Yashaka kubona Yesu, ariko ntivyakunda kuko hari isinzi ry’abantu, na we akaba ari mugufi. 4Nuko ariruka yurira igiti c’umusukomora cari i ruhande y’inzira, kuko ari ho Yesu yagira ace.
5Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe.” 6Nuko aca arururuka ningoga, amwakira iwe yuzuye umunezero.
7Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”
8Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”
9Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu. 10Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”
Umugani w’ababikijwe mina cumi
11Bakiriko baramwumviriza, Yesu arabandanya abacira umugani, kuko yari yegereje gushika i Yerusalemu, kandi ico gihe abantu bibaza ko Ubwami bw’Imana buca bushika ubwo nyene. 12Ababwira ati: “Umuntu ava mu muryango wubashwe, yagiye mu gihugu ca kure kwimikwa, kugira ngo azogaruke yabaye umwami. 13Imbere yo kugenda akoranya icumi bo mu bakozi biwe, abaha mina#19:13 Ingero mina imwe yari n’impembo y’umukozi mu mezi atatu. cumi, ababwira ati: ‘Nimwakire aya mahera, mugende muyadandarishe gushika aho nzogarukira.’
14 Ariko abantu bo mu gihugu ciwe baramwanka, bituma barungika intumwa inyuma yiwe zija kuvuga ziti: ‘Uwo muntu ntidushaka ko aba umwami wacu.’
15 Amaze kwimikwa akaba umwami aragaruka. Aca atumako ba bakozi yaha amahera, kugira ngo arabe inyungu bungutse.
16 Uwa mbere araza, avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi cumi.’
17 Aca amubwira ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza. Ko wabaye umwizigirwa muri bike, ndaguhaye kuganza ibisagara cumi.’
18 Uwa kabiri araza avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi zitanu.’
19 Shebuja aramwishura ati: ‘Ndaguhaye kuganza ibisagara bitanu.’
20 Ariko uwundi mukozi araza abwira shebuja ati: ‘Databuja, akira mina yawe; nayibitse mu gitambara ndayinyegeza kure. 21Naratinye kuko nzi ko uri umuntu agoye; wanura ivyo utanikiye, ukimbura ivyo utarimye.’
22 Shebuja aramwishura ati: ‘Ngira ndagucire urubanza mfatiye ku vyo wivugiye wewe nyene, wa mukozi mubi we! Nimba wari uzi ko ndi umuntu agoye, nanura ivyo ntanikiye, nkimbura ivyo ntarimye, 23ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha kugira ngo ngarutse ndonke umutahe wanje n’inyugu yawo?’
24 Nuko abwira abari bahagaze aho ati: ‘Nimumwake mina yiwe muyihe uwufise icumi.’
25 Baca bavuga bati ‘Databuja, erega asanzwe afise cumi!’
26 Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, uwufise azokwongererezwa, uwudafise na we azokwakwa n’ivyo yari afise. 27Abo bansi banje na bo badashaka ko ndababera umwami, nimubazane hano mubicire imbere yanje.’ ”
Yesu yinjira i Yerusalemu nk’umwami
28Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca arabandanya aduga i Yerusalemu. 29Yegereje i Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono, atuma babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati: 30“Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwashikayo murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura, muyizane hano. 31Nihagira uwubabaza ati: ‘Ni kubera iki muyizituye?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye.’ ”
32Nuko abatumwe baragenda, basanga ibintu bimeze nk’uko yari yabibabwiye. 33Bakiriko barayizitura, nyeneyo arababaza ati: “Ni kuki muzitura iyo ndogoba?”
34Baramwishura bati: “Umwami arayikeneye.”
35Maze baca bayishira Yesu, bayisasako impuzu zabo, bayimwicarikako. 36Kandi aho yaca hose, abantu baca basasa impuzu zabo mu nzira.
37Yegereye ahari inzira imanuka iva ku Musozi wa Elayono, isinzi ry’abigishwa biwe batangura guhimbaza Imana n’akanyamuneza kenshi n’amajwi arenga, kubera ibitangaza vyinshi bari bamaze kubona, bavuga bati:
38“Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!”#19:38 Zaburi 118:26
“Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!”
39Bamwe mu Bafarisayo bari muri iryo sinzi babwira Yesu bati: “Mwigisha, hoza abo bigishwa bawe!”
40Arabishura ati: “Ndababwire ukuri, naho bohora, amabuye yosemerera.”
41Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra, 42avuga ati: “Ese icari kumpa, bicitwa uno musi ugashobora gutahuye, ivyerekeye amahoro yawe! Ariko noneho ivyo bihishijwe amaso yawe. 43Kuko ntibigitevye ko abansi bawe baza bakakwubakira ibikwa vyo kwuririrako, maze bakagukikuza impande zose. 44Bazogusambura gushika ku mushinge, bagutikizanye n’abana bawe bari muri mu mpome zawe. Ntibazosigaza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utigeze umenya igihe Imana yaza kukugendera.”
Yesu ahumanura urusengero
45Yinjiye mu rusengero, aca atangura kwirukana abariko bararudandarizamwo. 46Ababwira ati: “Handitswe ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo,’#19:46 Yesaya 56:7 ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’#19:46 Yeremiya 7:11”
47Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero. Ariko abaherezi bakurubakuru, abigisha b’ivyagezwe n’abatware b’Abayuda bose baguma barondera ukuntu bomwica. 48Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.
હાલમાં પસંદ કરેલ:
Luka 19: BKC
Highlight
નકલ કરો
Compare
શેર કરો
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.