1
Matayo 9:37-38
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake. Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”
Параўнаць
Даследуйце Matayo 9:37-38
2
Matayo 9:13
Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha.”
Даследуйце Matayo 9:13
3
Matayo 9:36
Abonye abantu, bamutera ikigongwe; kuko bari bagowe, batagira uwubatabara, mbere bari bameze nk’intama zitagira umwungere.
Даследуйце Matayo 9:36
4
Matayo 9:12
Yesu avyumvise aca avuga ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye.
Даследуйце Matayo 9:12
5
Matayo 9:35
Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ingwara zose n’ubumuga bwose.
Даследуйце Matayo 9:35
Стужка
Біблія
Планы чытання
Відэа