Matayo Intangamarara

Intangamarara
Umwanditsi w’igitabu ca mbere c’Ubutumwa Bwiza yari Umuyuda yari yarize yitwa Matayo, umutozakori, umwe muri za ntumwa cumi na zibiri. Matayo asubiramwo amajambo menshi yo mw’Isezerano rya Kera, ivyo na vyo bikerekana ko arajwe ishinga no kwerekana ko Yesu yaje gushitsa Ivyagezwe.
Ubu butumwa bwubakiye ku bice bitanu vy’amajambo Yesu yavuze:
• inyigisho Yesu yigishirije ku musozi, zivuga ingene umwigishwa wiwe akwiye kubaho (5:1–7:29);
• ivyo Yesu yihanikirije abigishwa imbere yo kubarungika mu bikorwa (10);
• imigani isigura ingene Ubwami bw’Imana bumeze (13);
• amajambo avuga ku buzima bw’Ishengero n’ubw’abizera Kristo (18);
• amajambo avuga ku bihe vy’iherezo (24:1–25:46).
Ubwami bw’ijuru bufise ikibanza kidasanzwe mu nyigisho za Yesu, ivyo na vyo bikaba vyerekenwa n’ingene kenshi Yesu yitwa “Umwana wa Dawidi.” Yesu ni Umwami yari yitezwe, yari yarahanuwe n’abavugishwa n’Imana: ubwo ni bwo butumwa bwa Matayo. Abanyabwenge b’inyenyeri bazaniye Umwami w’Abayuda ingabire (2:2). Yesu yamenyekanishije ko Ubwami bw’ijuru buri hafi (4:17), kandi ko ubwo Bwami ari ubwo abihana (3:8), bakemera ko bakeneye Imana mu buzima bwabo (5:1-10).
Ariko naho Umwami yerekanye ibiranga Ubwami mu gukiza abarwaye, mu guha amasinzi y’abantu bashonje ivyokurya (8; 9; 2; 4–15), abantu ntibamwemeye nk’uko we ubwiwe yari yarabimenyesheje kenshi: Abayuda basaba Umwami ariko ntibari baratahuye ko uwo Mwami yategerezwa guca mu mibabaro.
Inyuma yo kumufata, Pilato yamubajije ati: Uri umwami w’Abayuda? Yesu aramwishura ati: Uvuze ukuri, ndi we (27:11).
Amaze kuzuka, Yesu yerekanye ko atari Umwami w’Abayuda gusa, aho yavuga ati: Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi…, hanyuma aca arategeka ati: Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa (28:18-19).
Imbere yo gupfa, Yesu yari yahaye abigishwa biwe urupfunguruzo rwugurura umuryango w’Ubwami bwiwe: guhinduka no kumera nk’abana bato (18:3).

高亮显示

分享

复制

None

想要在所有设备上保存你的高亮显示吗? 注册或登录

YouVersion 使用 cookie 来个性化你的体验。使用我们的网站,即表示你同意我们根据我们的隐私政策来使用 cookie。