Malaki 2
2
Ukugabisha Abaherezi
1“None rero yemwe baherezi, iki ni co cagezwe ndabahaye. 2Nimutanyumvira ngo mushire imitima yanyu ku kwubaha izina ryanje, nzobarungikira umuvumo, mvume n’imigisha mwahawe. Mbere naramaze no kuyivuma, kuko mutashize imitima yanyu ku kwubaha izina ryanje,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
3“Nzohana uruvyaro rwanyu kubera mwebwe; nzobatera mu maso amayezi y’ibimazi vyo ku misi mikuru yanyu, hanyuma ndayabatane. 4Hanyuma muzoteba mumenye ko ari jewe nabahaye iki cagezwe, kugira ngo isezerano nagiranye na Lewi rize ryameho,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 5“Isezerano ryanje ryari kuri we, kandi ryari isezerano rizana ubuzima bwiza n’amahoro, iryo ni ryo nabahaye; naribahaye kugira ngo banyubahe, ngire igitinyiro kuri bo, kandi baranyubaha cane bagahindira agashitsi izina ryanje. 6Inyigisho z’ukuri zama mu kanwa kabo, kandi iminwa yabo yazira ikinyoma. Bagendanye nanje mu mahoro no mu bugororotsi, kandi bakuye benshi mu vyaha.
7Kuko iminwa y’umuherezi ikwiye kuzigama ukumenya Imana, kandi akanwa kiwe ni ko kabarizwamwo ivyagezwe, kuko umuherezi ari intumwa y’Uhoraho Mushoboravyose. 8Ariko mwebwe mwarantaye, inyigisho zanyu zicika izigwisha abantu mu vyaha. Mwavuye mw’isezerano rya Lewi,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 9“Ni co catumye nemera ko musuzugurwa, mukagawa n’amoko yose, kuko mutagendeye mu nzira zanje, ahubwo mugahengama ku bijanye n’amabwirizwa yanje.”
Ukuva mw’isezerano mu kwahukana
10Mbega twese ntidusangiye Data? Mbega twese ntitwaremwe n’Imana imwe? None ni kuki duhemukiranira, tukava mw’isezerano rya ba sogokuruza?
11Yuda yarampemukiye, kandi igisesema cakorewe muri Isirayeli n’i Yerusalemu. Abayuda bahumanije Ingoro Uhoraho akunda, mu kurongora abagore basenga ibigirwamana. 12Nk’umuntu akora ivyo, uwo ari we wese, akwiye gucibwa mw’ihema rya Yakobo, naho yoba ashikanira amashikanwa Uhoraho Mushoboravyose.
13Hari ikindi kibi mukora: mwuzuza amarira yanyu ku gicaniro, mukarira muboroga kubera Uhoraho atakiraba ryiza amashikanwa yanyu, canke ngo ayakire ayakunze avuye mu biganza vyanyu. 14Mukibaza muti: “Ni kubera iki?” Reka ndababwire igituma: ni kubera Uhoraho yari icabona igihe mwasezerana n’abagore banyu mukagirirana indahiro n’abagore bo mu busore bwanyu. Mwarabahemukiye, kandi ari bo mwafatanye ngo babe abagore banyu b’isezerano.
15Mbega Imana ntiyari yabagize umwe n’abagore banyu? Mu mpwemu no mu mubiri muri abiwe. Kandi ico abipfuzako ni iki? Ashaka ko muvyara abana bamwubaha. Nuko rero nimwirinde mugume mw’isezerano mwagiranye n’abagore bo mu buto bwanyu.
16“Kuko ndanka ukwahukana,” ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze, “kandi nanka n’umuntu yitwikira umuryano nk’uko yitwikirira umutamana,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
None rero nimurinde imitima yanyu, mwoye guhemukira abagore banyu.
Ukuva mw’isezerano kubera akarenganyo
17Mwararuhishije Uhoraho mu majambo yanyu.
Ariko murabaza muti: “Twamuruhishije dute?”
Muvuga muti: “Ibibi vyose ni vyiza mu nyonga z’Uhoraho, kandi arabinezererwa,” canke mukavuga muti: “Mbega iyo Mana ica izibereye iri hehe?”
Atualmente selecionado:
Malaki 2: BKC
Destaque
Copiar
Comparar
Partilhar
Quer salvar os seus destaques em todos os seus dispositivos? Faça o seu registo ou inicie sessão
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.