Yohana 6
6
Yesu agaburira abantu ibihumbi bitanu
1Hanyuma y’ivyo, Yesu arajabuka aja ku ruhande rwo hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya (ari co kiyaga c’i Tiberiya). 2Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abagwaye. 3Nuko Yesu aduga ku musozi yicarana n’abigishwa biwe. 4Ico gihe Umusi mukuru wa Pasika w’Abayuda wari wegereje.
5Yesu abonye abantu benshi baje bamutumbereye, abarira Filipo ati: “Ni hehe twogurira ivyokurya vyo kugaburira aba bantu bose?” 6Yabajije ico kibazo nk’uwumugeza, kuko we yari azi ico agiye gukora.
7Filipo aramwishura ati: “Naho tworonka idenariyo amajana abiri#6:7 Yari impembo y’umukozi mu mezi 8., ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwumwe.”
8Umwe mu bigishwa biwe yitwa Andereya, yavukana na Simoni Petero, abwira Yesu ati: 9“Hano hariho umuhungu afise imikate y’ingano itanu n’ifi zibiri. Ariko vyomara iki ku bantu bangana uku?”
10Yesu aravuga ati: “Nimubicarike.” Aho hantu hari ubwatsi bwinshi. Nuko abo bantu baricara (abagabo bonyene bashika nk’ibihumbi bitanu). 11Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye ngaho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya nk’uko babishaka.
12Bamaze guhaga bose, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu twasigaye, ntihagire igipfa ubusa.” 13Nuko begeranya utumanyagu twa ya mikate itanu y’ingano abantu bariye, buzuza ibiseke cumi na bibiri.
14Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.” 15Yesu amenye ko bagira baze ngo bamwimike ku nguvu nk’umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.
Yesu agendera ku mazi
16Bugorovye, abigishwa ba Yesu bamanuka ku kiyaga, 17burira ubwato kugira ngo bajabuke baje i Kaperinawumu. Aho rero hari hamaze kuza umuzimagiza kandi Yesu ntiyari bwabashikire. 18Ico gihe, umuyaga wariko urahuhuta cane bituma haba imipfunda myinshi mu kiyaga. 19Bamaze gusoza nka sitadiyo mirongo ibiri na zitanu canke mirongo itatu#6:19 Ni nk’ibilometero 5 canke 6., babona Yesu agendagenda ku mazi yegera ubwato barimwo, maze bagira ubwoba. 20Yesu arababwira ati: “Ni jewe. Ntimugire ubwoba.” 21Nuko bashaka kumwuriza mu bwato, ariko buba burashitse ku nkengera aho bari bagiye.
22Ku musi ukurikira, hariho abantu benshi bari basigaye hakurya y’ikiyaga, maze bibuka ko hariho ubwato bumwe bwonyene abigishwa bagiyemwo, kandi ko Yesu atinjiranye n’abigishwa biwe muri bwo. 23Ico gihe ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, bwariko buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura. 24Maze abantu babonye ko Yesu n’abigishwa biwe atari ho bari, baca binjira muri ubwo bwato baja i Kaperinawumu kumuronderayo.
Yesu ni umukate w’ubugingo
25Bamusanze aho yari hakurya y’ikiyaga, baramubaza bati: “Mwigisha, washitse hano ryari?”
26Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga. 27Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”
28Baramubaza bati: “Natwe turashaka gukora ibikorwa vy’Imana. None tubigenze gute?”
29Yesu arabishura ati: “Iki ni co gikorwa Imana ishaka ko mukora: nimwizere uwo yatumye.”
30Baramubwira bati: “Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora? 31Ba sogokuruza bacu baririye manu mu bugaragwa, kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: ‘Mose yabahaye imikate ivuye mw’ijuru ngo bayirye.’#6:31 Kuvayo 16:4; Nehemiya 9:15; Zaburi 78:24,25”
32Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru. 33Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”
34Baramubwira bati: “Nyakwubahwa, turagusavye wame uduha uwo mukate imisi yose.”
35Yesu arabishura ati: “Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa. 36Ariko nk’uko nabibabwiye, muramaze kumbona yamara ntimurizera. 37Ariko abo Data yampaye bose bazoza aho ndi kandi sinzokwigera nirukana uwuje aho ndi. 38Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka. 39Kandi ivyo uwantumye ashaka ni ibi: ko ntatakaza n’umwe mu bo yampaye, ariko ashaka ko nzobazura ku musi wa nyuma. 40Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”
41Maze Abayuda batangura kumwidogera kuko avuze ati: “Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru.” 42Baravuga bati: “Mbega uwu si Yesu mwene Yosefu? Se na nyina ntitubazi? None ni gute avuga ngo: ‘Namanutse mva mw’ijuru’?”
43Yesu arabishura ati: “Nimureke kwidoga hagati muri mwebwe. 44Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma. 45Abavugishwa n’Imana banditse bati: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’#6:45 Yesaya 54:13 Ni co gituma umuntu wese yumvirije Data akakira inyigisho ziwe, aza aho ndi. 46Ivyo ntibisigura ko hari umuntu amaze kubona Data; uwatumwe avuye ku Mana wenyene ni we amaze kubona Data. 47Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira. 48Ni jewe mukate w’ubugingo. 49Ba sogokuruza banyu baririye manu mu bugaragwa, yamara barapfuye. 50Ariko hano hari umukate uva mw’ijuru, kandi uwuwurya ntazopfa. 51Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo.”
52Maze Abayuda batangura guharira hagati yabo bashavuye bati: “Ni gute uwu mugabo yoduha umubiri wiwe ngo tuwurye?”
53Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, nimutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe. 54Ariko umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje afise ubugingo budashira, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma. 55Kuko umubiri wanje ni ico co kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico cokunywa c’ukuri. 56Umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma muri jewe nanje nkaguma muri we. 57Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje. 58Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira.” 59Yesu yavuze ivyo ariko arigishiriza mw’isinagogi i Kaperinawumu.
Abigishwa benshi baheba Yesu
60Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”
61Yesu amenye ko abigishwa biwe bariko baridoga, arababaza ati: “Mbega ivyo ndababwiye birabatsitaje? 62None hamwe mwobona Umwana w’Umuntu aduga asubira iyo yaje ava, mwovuga iki? 63Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo. 64Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha. 65Yongerako ati: “Ni co gituma nababwiye ko ata muntu ashobora kuza aho ndi atabishobojwe na Data.”
66Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe baca baragenda ntibasubira kumukurikira.
67Yesu ahindukirira bamwe cumi na babiri arababaza ati: “Mbega namwe murashaka kwigira?”
68Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega ni wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira! 69Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana.”
70Yesu aca arababwira ati: “Sinabatoranije muri cumi na babiri? Ariko umwe muri mwebwe ni uwa Satani.” 71(Aho yariko avuga Yuda, mwene Simoni Isikariyote. Kuko naho yari umwe muri bamwe cumi na babiri, ni we yari agiye kumugurisha.)
Nu geselecteerd:
Yohana 6: BKC
Markering
Kopiëren
Vergelijk
Delen
Wil je jouw markerkingen op al je apparaten opslaan? Meld je aan of log in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.