Ivyakozwe Intangamarara
Intangamarara
Igitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa ni igitabu kigira kabiri canditswe na Luka, kikaba gikurikira ico yanditse c’Ubutumwa Bwiza. Luka abandaniriza aho yari yagejeje muri ico gitabu ca mbere c’Ubutumwa Bwiza, maze akavuga ibintu ingene vyagenze akurikije urutonde rw’ingene vyakurikiranye (1:3). Ivyo yabikoze amaze gutohoza neza ku kuntu Ishengero rya Yesu Kristo ryatanguye. Luka ubwiwe hariho ivyo yiboneye, kuko imvugo akoresha tubona mu gice ca 16:10. Ivuga ngo: “duca turondera” irerekana ko nawe nyene yarimwo mu barondera.
Ingene Luka yakurikiranije ivyo yanditse, birahura neza n’ingene ishengero ryariko riraguka mu micungararo y’ikiyaga Mediterane, ukwo kwaguka kukaba kwari kwisunzwe urutonde Kristo yasize atanze imbere y’uko aduga mw’ijuru, igihe yavuga ati: mazohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako, maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi (1:8).
Ishengero ryavukiye i Yerusalemu ku musi mukuru wa Pentekote, igihe intumwa zahabwa Mpwemu Yera yari yarasezeranywe. Naho hari ihamwa ritewe n’Abayuda n’ingorane zaja ziraduka muri ryo, ishengero ryarakuze mu mwanya mutoya. Ico gihe intumwa Petero ni we yaboneka nk’aho ari we ari imbere y’izindi ntumwa (2–7).
Inyuma y’ihamwa ryahitanye umuntu wa mbere yishwe azira ukwizera Yesu Kristo ari we, Setefano (7), ishengero ryaciye rishwiragira, bamwe baja i Yudaya abandi i Samariya, aho bashitse hose bagaca bavuga Ubutumwa Bwiza (8–13). Mu bo babwiye harimwo Abasamariya, Umunyetiyopiya yari mu rugendo asubira muri Afrika, hamwe rero n’umukuru mu ngabo y’Abaroma zakorera muri ico gihugu. Ni muri ico gihe, Umwami wacu Yesu Kristo yahishuriye Petero ko agakiza ari ak’abanyamahanga na bo nyene (10).
Umufarisayo yitwa Sawuli yavukiye ahantu hitwa i Taruso yarahama Ishengero cane. Umusi umwe, ari mu nzira aja i Damasiko gufata abizera Umwami Yesu bo muri ico gisagara, ni ho yahura na Kristo aca arihana. Nuko Kristo aca amuhindura intumwa yo kubwira Ubutumwa Bwiza abatari mu bwoko bw’Abayuda (9:15). Uwo ni we yahavuye ahabwa, mu buryo budasanzwe, igikorwa co kuba icabona ca Yesu Kristo gushika ku mpera z’isi (13–28).
Igice ca kabiri c’iki gitabu kivuga ivyerekeye ingendo zitatu zo kujana Ubutumwa Bwiza, uwo Sawuli ari we yahavuye yitwa Pawulo, yagize mu karere kegereye Ikiyaga Mediterane, aja i Kupuro, i Makedoniya, mu Bugiriki, muri Aziya yitwa ntoya, gushika igihe bamufatiye i Yerusalemu bagomba kumwica (20). Kuva ico gihe, Pawulo yabandanije ibikorwa vyiwe ari mw’ibohero. Ubwa mbere yari apfungiwe i Yerusalemu, hanyuma ajanwa i Kayisariya, mu nyuma aca ajanwa i Roma, aho yabaye adafise umwidegemvyo ukwiye.
Inkuru igarukira ngaho.
Ukwo gukwiza Ubutumwa Bwiza mu buryo budasanzwe kandi bw’igitangaza ntivyakozwe n’intumwa n’abo bakorana gusa. Harimwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera kuko ni we yatuma ishengero rikura. Ivyo Luka abivuga incuro mirongo itandatu na zibiri. Ukwo kwerekana igikorwa ca Mpwemu Yera mu buzima bw’ishengero kuva ku musi wa Pentekote, ni ngirakamaro no kw’ishengero ry’uno musi. Ni muri iki gitabu ishengero rikwiye kuronderera inyigisho no guterwa intege mu gikorwa caryo co gushingira intahe Yesu Kristo mw’isi.
Nu geselecteerd:
Ivyakozwe Intangamarara: BKC
Markering
Kopiëren
Vergelijk
Delen
Wil je jouw markerkingen op al je apparaten opslaan? Meld je aan of log in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.