1
Roma 14:17-18
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Kuko igihambaye mu Bwami bw’Imana si ukurya no kunywa, ahubwo ni ubuzima bugororotse, amahoro n’umunezero bitangwa na Mpwemu Yera. Iyo umuntu akorera Kristo ameze gutyo, ahimbara Imana kandi akemerwa n’abantu.
ತಾಳೆಮಾಡಿ
Roma 14:17-18 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
2
Roma 14:8
Nimba turiho, tubayeho kugira ngo duheshe icubahiro Umwami Imana. Kandi nimba dupfuye, dupfa kugira ngo duheshe icubahiro Umwami Imana. Nuko rero turiho canke dupfuye, tuguma turi ab’Umwami Imana.
Roma 14:8 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
3
Roma 14:19
None rero, muze turonderane umwete kubana amahoro no gukomezanya hagati yacu.
Roma 14:19 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
4
Roma 14:13
Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.
Roma 14:13 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
5
Roma 14:11-12
Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “ ‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘amavi yose azompfukamira; n’indimi zose zizokwatura ko ndi Imana.’ ” Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.
Roma 14:11-12 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
6
Roma 14:1
Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza.
Roma 14:1 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
7
Roma 14:4
Uri nde wewe ucira imanza umukozi w’uwundi muntu? Akoze neza canke nabi, ivyo biraba shebuja. Kandi noneho azokora neza kuko Umwami Imana afise ubushobozi bwo kumukomeza.
Roma 14:4 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ