1
Matayo 7:7
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.
Confronta
Esplora Matayo 7:7
2
Matayo 7:8
Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
Esplora Matayo 7:8
3
Matayo 7:24
Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare.
Esplora Matayo 7:24
4
Matayo 7:12
Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe, kuko ivyo ari vyo Ivyagezwe n’ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyigisha.
Esplora Matayo 7:12
5
Matayo 7:14
Ariko irembo ryaga n’inzira ntoya ni vyo bijana mu bugingo, kandi ababihitamwo ni bake.
Esplora Matayo 7:14
6
Matayo 7:13
Muce mw’irembo ryaga. Kuko irembo ryagutse n’inzira yagutse bijana mu mahonero, kandi abantu benshi ni ho baca.
Esplora Matayo 7:13
7
Matayo 7:11
Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, none So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!
Esplora Matayo 7:11
8
Matayo 7:1-2
Ntimugacire abandi imanza kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Kuko uko mucira abandi imanza ni ko namwe muzozicirwa, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.
Esplora Matayo 7:1-2
9
Matayo 7:26
Ariko umuntu wese yumva aya majambo yanje hanyuma ntayashire mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge buke yubatse inzu yiwe ku musenyi.
Esplora Matayo 7:26
10
Matayo 7:3-4
Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe?
Esplora Matayo 7:3-4
11
Matayo 7:15-16
Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi. Muzobamenyera ku vyo bama, ari vyo bikorwa vyabo. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, canke insukoni ku mitobotobo.
Esplora Matayo 7:15-16
12
Matayo 7:17
Igiti ciza cama ivyamwa vyiza, kandi igiti kibi cama ivyamwa bibi.
Esplora Matayo 7:17
13
Matayo 7:18
Nta giti ciza cokwama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cokwama ivyamwa vyiza.
Esplora Matayo 7:18
14
Matayo 7:19
Igiti cose cama ivyamwa bibi kiracibwa kigatererwa mu muriro.
Esplora Matayo 7:19
Home
Bibbia
Piani
Video