1
Abaroma 4:20-21
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Ariko yiyumviriye ic’ Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranishwa no kutizera, arikw aremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro, amenya neza adakekeranya yukw ico yasezeranye ishobora no kugikora.
Confronta
Esplora Abaroma 4:20-21
2
Abaroma 4:17
mu nyonga z’Iyo yizeye (nk’uko vyanditswe, ngo Nkugize sekuruza w’amahanga menshi) ni yo Mana, izura abāpfuye, kandi yita ibitariho nk’ibiriho.
Esplora Abaroma 4:17
3
Abaroma 4:25
yatangiwe ibicumuro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe.
Esplora Abaroma 4:25
4
Abaroma 4:18
Aburahamu yizera yizigiye ibitokwizigiwe, ngw abe sekuruza w’amahanga menshi, nk’uko vyavuzwe, ng’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.
Esplora Abaroma 4:18
5
Abaroma 4:16
Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese
Esplora Abaroma 4:16
6
Abaroma 4:7-8
ati Hahirwa abāhariwe ibigabitanyo vyabo, Kand’ ivyaha vyabo bigatwikīrwa, Hahirwa umuntu Uhoraho atazoharūrakw icaha.
Esplora Abaroma 4:7-8
7
Abaroma 4:3
Ivyanditswe bivuga iki? Bivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka.
Esplora Abaroma 4:3