1
Ivyakozwe N’intumwa 20:35
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.
Confronta
Esplora Ivyakozwe N’intumwa 20:35
2
Ivyakozwe N’intumwa 20:24
Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.
Esplora Ivyakozwe N’intumwa 20:24
3
Ivyakozwe N’intumwa 20:28
Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.
Esplora Ivyakozwe N’intumwa 20:28
4
Ivyakozwe N’intumwa 20:32
Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.
Esplora Ivyakozwe N’intumwa 20:32