1
Ivyakozwe N’intumwa 11:26
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.
Confronta
Esplora Ivyakozwe N’intumwa 11:26
2
Ivyakozwe N’intumwa 11:23-24
Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu. Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.
Esplora Ivyakozwe N’intumwa 11:23-24
3
Ivyakozwe N’intumwa 11:17-18
None kw Imana yabahaye ingabire imwe n’iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe nd’ iki gishobora gutāngīra Imana? Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.
Esplora Ivyakozwe N’intumwa 11:17-18