1
Itanguriro 9:12-13
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Imana yongerako iti: “Iki ni co kimenyetso c’isezerano ngiranye namwe n’ikintu cose kizima kiri kumwe namwe, kandi rikaba ari n’isezerano ry’abazovuka hanyuma: Nshizeho umunywamazi mu bicu; ni wo uzoba ikimenyetso c’isezerano ngiranye namwe n’isi yose.
Karşılaştır
Itanguriro 9:12-13 keşfedin
2
Itanguriro 9:16
Umunywamazi niwaboneka mu bicu, nzowubona maze nibuke isezerano ridata igihe hagati y’Imana n’ivyaremwe vyose biri kw’isi.”
Itanguriro 9:16 keşfedin
3
Itanguriro 9:6
Uwuzosesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe na we azoseswa n’uwundi muntu; kuko mw’ishusho y’Imana, ni ho umuntu yaremwe.
Itanguriro 9:6 keşfedin
4
Itanguriro 9:1
Nuko Imana ihezagira Nowa n’abahungu biwe irababwira iti: “Nimurondoke mugwire mwuzure isi.
Itanguriro 9:1 keşfedin
5
Itanguriro 9:3
Ibintu vyose bigendagenda bibaho ndabibahaye kugira ngo bibabere ivyokurya, nk’uko nabahaye ibiterwa.
Itanguriro 9:3 keşfedin
6
Itanguriro 9:2
Ibikoko vyose vyo kw’isi, inyoni zose zo mu kirere, ibikoko bitobito vyikwega hasi, n’amafi yose yo mu biyaga bizobatinya bicike ivutu imbere yanyu. Vyose ndabishize musi y’ububasha bwanyu.
Itanguriro 9:2 keşfedin
7
Itanguriro 9:7
Mwebwe nimurondoke mugwire, mwuzure isi.”
Itanguriro 9:7 keşfedin