1
Itanguriro 15:6
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nuko Aburamu yizera UHORAHO, bituma UHORAHO amwemera nk’umugororotsi.
Karşılaştır
Itanguriro 15:6 keşfedin
2
Itanguriro 15:1
Hanyuma y’ivyo UHORAHO avugana na Aburamu mu ndoto ati: “Aburamu, ntugire ubwoba. Ni jewe nzogukingira, kandi ni jewe nzoguha impera ikomeye.”
Itanguriro 15:1 keşfedin
3
Itanguriro 15:5
Maze UHORAHO ajana Aburamu hanze aramubwira ati: “Raba kw’ijuru uharure inyenyeri nimba wobishobora. Uko ni ko uruvyaro rwawe ruzongana!”
Itanguriro 15:5 keşfedin
4
Itanguriro 15:4
UHORAHO aramwishura ati: “Oya, si umukozi wawe azokubera samuragwa, ahubwo umuhungu wawe bwite ni we azokubera samuragwa.”
Itanguriro 15:4 keşfedin
5
Itanguriro 15:13
UHORAHO aca abwira Aburamu ati: “Umenye neza ko abagukomokako bazoba abanyamahanga mu gihugu kitari icabo. Bazoba abagurano muri ico gihugu imyaka amajana ane.
Itanguriro 15:13 keşfedin
6
Itanguriro 15:2
Ariko Aburamu arishura ati: “Uhoraho Nyeninganji, mbega imihezagiro yose wompa yomarira iki, ko ntagira umwana? Uwugiye kuragwa ivyanje vyose ni Eliyezeri umukozi wanje ava i Damasiko.”
Itanguriro 15:2 keşfedin
7
Itanguriro 15:18
Uwo musi UHORAHO agirana isezerano na Aburamu avuga ati: “Iki gihugu ndagihaye uruvyaro rwawe, kuva ku ruzi rwa Egiputa gushika ku ruzi runini Efurate.
Itanguriro 15:18 keşfedin
8
Itanguriro 15:16
Ku runganwe rugira kane, uruvyaro rwawe ruzogaruka muri kino gihugu, kuko ivyaha vy’Abamori ntibiraba vyinshi kugira ngo ndabirukane mu gihugu.”
Itanguriro 15:16 keşfedin