Matayo 9
9
Yesu akiza umuntu amugaye
1Maze Yesu atambukira mu bwato, arajabuka aja hakurya y’ikiyaga mu gisagara c’iwabo. 2Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye bamureruye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo amugaye ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
3Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe baravugana bati: “Uwo mugabo atutse Imana!”
4Yesu amenye ivyo vyiyumviro vyabo, aca ababwira ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu? 5Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’? 6Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira uwo muntu amugaye ati: “Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire.” 7Uwo muntu aca arahaguruka arataha. 8Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.
Yesu ahamagara Matayo
9Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho atoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Matayo aca ava hasi, aramukurikira.
10Maze Yesu acicaye mu nzu kwa Matayo ngo bamuzimane, haza abatozakori n’abanyavyaha benshi basangira na Yesu n’abigishwa biwe. 11Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”
12Yesu avyumvise aca avuga ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye. 13Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’#9:13 Hoseya 6:6 Kuko sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha.”
Babaza Yesu ivyerekeye kwisonzesha
14Abigishwa ba Yohana Umubatizi baraza baramubaza bati: “Ni kuki twe n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”
15Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bogandara bakiri kumwe na we? Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.
16 Nta wofata igitambara gishasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire, kuko ico gitambara cotuma ya mpuzu y’umushire itabuka rwose. 17Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urusato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha, ni ho vyompi biramba.”
Yesu azura umwana, akiza n’umugore agwaye
18Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi#9:18 isinagogi yari inyubakwa canke ikibanza co gusengeramwo, kwigishirizamwo, n’ibindi. apfukama imbere yiwe amubwira ati: “Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira kuba muzima.” 19Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.
20Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. 21Kuko yari yiyumviriye ati: “Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.”
22Yesu arahindukira, amubonye amubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.
23Yesu ashitse mu nzu kwa wa mukuru w’isinagogi, abona abantu bavuza imyironge yo gucura intimba n’abandi benshi bakoma induru. 24Arababwira, ati: “Nimusohoke. Umwana ntiyapfuye, arasinziriye.” Ariko, abo bantu baramutwenga. 25Bamaze gusohoka, arinjira amufata ukuboko, wa mwana aca aravyuka. 26Inkuru y’ico gitangaza ica ikwira hose muri iyo ntara.
Yesu akiza impumyi zibiri n’ikiragi
27Yesu avuye aho, abantu babiri bahumye baramukurikira basemerera, bati: “Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!”
28Ashitse mu nzu, izo mpumyi ziramwegera; hanyuma arababaza ati: “Murizeye ko nobahumura?”
Bati: “Egome Mwami, turavyizeye.”
29Nuko abakora ku maso avuga ati: “Bibabere nk’uko mwizeye.” 30Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwirinde, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.” 31Ariko bo, basohotse baca bakwiragiza inkuru z’ivyo yabakoreye muri iyo ntara yose.
32Abo bamaze gusohoka, baca bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba ikiragi. 33Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: “Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli.”
34Ariko Abafarisayo bo bavuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”
Yesu aterwa ikigongwe n’abantu
35Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ingwara zose n’ubumuga bwose. 36Abonye abantu, bamutera ikigongwe; kuko bari bagowe, batagira uwubatabara, mbere bari bameze nk’intama zitagira umwungere. 37Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake. 38Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”
Zvasarudzwa nguva ino
Matayo 9: BKC
Sarudza vhesi
Pakurirana nevamwe
Sarudza zvinyorwa izvi
Unoda kuti zviratidziro zvako zvichengetedzwe pamidziyo yako yose? Nyoresa kana kuti pinda
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.