1
Malaki 4:5-6
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
“Raba nzobarungikira Eliya uwuvugishwa n’Imana, imbere y’uko uwo musi w’UHORAHO uteye ubwoba ushika. Ubutumwa bwiwe buzosubiza imitima y’abavyeyi ku bana babo, n’imitima y’abana ku bavyeyi babo. Ahandi ho nzoza ndanduze isi umuvumo.”
Comparar
Explorar Malaki 4:5-6
2
Malaki 4:1
“Nta nkeka uwo musi uraje, kandi uje waka nk’itanure. Abibona n’inkozi z’ibibi bazoba nk’ubwatsi bwumye, kandi uwo musi uje uzobatongora,” ni ko UHORAHO Mushoboravyose avuze. “Nta kimeze nk’umuzi canke ishami kizosigara kuri bo.
Explorar Malaki 4:1