1
Yohana 20:21-22
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abane namwe! Nk’uko Data yantumye, ni ko nanje ndabatumye.” Ahejeje kuvuga ivyo, abahumekerako, ababwira ati: “Nimwakire Mpwemu Yera.
Kokisana
Luka Yohana 20:21-22
2
Yohana 20:29
Yesu aramubwira ati: “Wizeye kubera umbonye? Hahiriwe abizera batabanje kubona.”
Luka Yohana 20:29
3
Yohana 20:27-28
Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.” Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”
Luka Yohana 20:27-28