1
Ivyakozwe 3:19
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone ingene biza, bivuye imbere y’Umwami Imana
Kokisana
Luka Ivyakozwe 3:19
2
Ivyakozwe 3:6
Ariko Petero aca amubwira ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguhaye. Mw’izina rya Yesu Kristo w’i Nazareti, va hasi utambuke!”
Luka Ivyakozwe 3:6
3
Ivyakozwe 3:7-8
Aca amufata ukuboko kw’i buryo, aramuhagurutsa, ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera. Nuko aca atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka neza, yiterera hejuru, ahimbaza Imana.
Luka Ivyakozwe 3:7-8
4
Ivyakozwe 3:16
Ni kubwo kwizera izina rya Yesu, uwu muntu mubona kandi muzi yakize. Ni kubwo kwizera Yesu n’izina ryiwe vyamukijije neza nk’uko namwe mwese muvyibonera.
Luka Ivyakozwe 3:16