1
Matayo 10:16
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mukerebuke nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.
Lee anya n'etiti ihe abụọ
Nyochaa Matayo 10:16
2
Matayo 10:39
Umuntu wese agerageza kwigumiriza ubuzima azobubura, ariko uwubutanga ku bwanje azoburokora.
Nyochaa Matayo 10:39
3
Matayo 10:28
Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, kuko yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.
Nyochaa Matayo 10:28
4
Matayo 10:38
Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiye.
Nyochaa Matayo 10:38
5
Matayo 10:32-33
Umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, nanje nzomwemanga imbere ya Data wo mw’ijuru. Ariko umuntu wese azonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru.
Nyochaa Matayo 10:32-33
6
Matayo 10:8
Mukize abagwaye, muzure abapfuye, muhumanure abagwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.
Nyochaa Matayo 10:8
7
Matayo 10:31
None rero, mweho ntimugire ubwoba; kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
Nyochaa Matayo 10:31
8
Matayo 10:34
Ntimwiyumvire ko naje ngo nzane amahoro kw’isi! Haba na mba! Sinazanye amahoro, ahubwo nazanye intambara
Nyochaa Matayo 10:34
Ebe Mmepe Nke Mbụ Nke Ngwá
Akwụkwọ Nsọ
Atụmatụ Ihe Ogụgụ Gasị
Vidiyo Gasị