1
Itanguriro 3:6
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nuko wa mugore abona ko ivyamwa vya ca giti ari vyiza, ko bibereye kuribwa kandi ko bituma umuntu agira ubwenge. Aca afata bimwe mu vyamwa vyaco arabirya, yongera ahako n’umugabo wiwe, na we ararya.
Compare
Itanguriro 3:6ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
2
Itanguriro 3:1
Mu bikoko vyo mw’ishamba UHORAHO Imana yari yararemye, inzoka ni yo yarusha ibindi ubugunge. Umusi umwe ibaza wa mugore iti: “Ni ivy’ukuri ko Imana yababwiye iti: ‘Ntimukarye ku vyamwa vyo ku giti na kimwe co mw’itongo’?”
Itanguriro 3:1ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
3
Itanguriro 3:15
Nzoshira urwanko hagati yawe n’uwu umugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe; azokumena umutwe, nawe uzomukomora ku gitsintsiri.”
Itanguriro 3:15ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
4
Itanguriro 3:16
Abwira wa mugore na we ati: “Nzogwiza ububabare bwawe mu gihe cawe co kuvyara; uzovyara abana ubanje kubabara. Uzohora wipfuza umugabo wawe, na we azokuganza.”
Itanguriro 3:16ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
5
Itanguriro 3:19
Kubira icuya mu ruhanga ni kwo kuzotuma uronka ivyokurya kugeza usubiye mw’ivu, kuko ari ryo wavuyemwo. Kuko uri umukungugu, kandi uzosubira mu mukungugu.”
Itanguriro 3:19ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
6
Itanguriro 3:17
Abwira Adamu na we ati: “Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku vyamwa vya ca giti kandi nari narakwihanikirije nti: ‘Ntiwemerewe kurya ku vyamwa vyaco,’ Isi iravumwe kubera wewe; uzoronka ivyo urya ubanje kuyirima ukaruha ubuzima bwawe bwose.
Itanguriro 3:17ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
7
Itanguriro 3:11
UHORAHO Imana aramubaza ati: “Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku vyamwa vya ca giti kandi narabikubujije?”
Itanguriro 3:11ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
8
Itanguriro 3:24
Amaze kwirukana wa muntu, aca ashira mu buseruko bw’itongo rya Edeni abakerubi hamwe n’inkota yaka umuriro iguma igenda igaruka kugira ngo irinde inzira ija ku giti c’ubugingo.
Itanguriro 3:24ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
9
Itanguriro 3:20
Nuko Adamu yita umugore wiwe Eva, kuko ni we yari agiye kuba nyina w’abafise ubuzima bose.
Itanguriro 3:20ਪੜਚੋਲ ਕਰੋ
Home
ਬਾਈਬਲ
Plans
ਵੀਡੀਓ