1
Itanguriro 37:5
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Yosefu arota inzozi, azirotorera bene se, barushiriza kumwanka.
താരതമ്യം
Itanguriro 37:5 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
2
Itanguriro 37:3
Isirayeli yafyinisha Yosefu kuruta abana biwe bose, kuko yamuvyaye ashaje: amubarīriza umwambaro muremure w’amaboko.
Itanguriro 37:3 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
3
Itanguriro 37:4
Bene se babona yuko se amukunda kumubarutisha bose; baramwanka, ntibaba bakimubarira neza atar’ ukumuhirika.
Itanguriro 37:4 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
4
Itanguriro 37:9
Yongera kurota izindi nzozi, azirotorera bene se, ati Nongeye kurota izindi nzozi; narose izuba n’ ukwezi n’inyenyeri cumi n’imwe binyunamira.
Itanguriro 37:9 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
5
Itanguriro 37:11
Bene se bamugirira ishari, ariko se azigama ayo majambo mu mutima wiwe.
Itanguriro 37:11 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
6
Itanguriro 37:6-7
Arababarira, at’ Enda ni mwumve inzozi narose: narose dutekera imikama y’ingano, uwanje mukama uriyegura, urēma; maz’ iyanyu mikama iraza, ikikiza uwanje, irawunamira.
Itanguriro 37:6-7 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
7
Itanguriro 37:20
Ni muze tumwice, tumuterere mu rwobo rumwe mur’ ibi, duheze tuvuge, tut’ Igikōko c’inkazi caramuriye: tuze turābe inzozi ziwe uko zizoba!
Itanguriro 37:20 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
8
Itanguriro 37:28
Hahita Abamidiyani b’abadandaza; bakwega Yosefu, bamukūra muri rwa rwobo, bamugura na ba Bishimayeli amahera y’ifeza mirongwibiri. Bashōra Yosefu muri Egiputa.
Itanguriro 37:28 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
9
Itanguriro 37:19
Baravugana, bati Nguriya karosi araje!
Itanguriro 37:19 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
10
Itanguriro 37:18
Bamubona akiri kure, maz’ atarabashikīra, bamugīra inama yo kumwica.
Itanguriro 37:18 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക
11
Itanguriro 37:22
Kand’ ati Ntimuvishe amaraso, ariko mumuterere mur’ uru rwobo rur’ aha mu bugaragwa, ariko ntimumukozekw amaboko. Kwar’ ukugira ngw amurokore, amukūre mu maboko yabo, amusubize se.
Itanguriro 37:22 പര്യവേക്ഷണം ചെയ്യുക