1
Yohana 5:24
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.
Kokisana
Luka Yohana 5:24
2
Yohana 5:6
Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire agwaye, aramubaza ati: “Urashaka gukira?”
Luka Yohana 5:6
3
Yohana 5:39-40
Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe, yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.
Luka Yohana 5:39-40
4
Yohana 5:8-9
Maze Yesu aramubwira ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe ugende.” Ubwo nyene wa muntu arakira, aterura ikirago ciwe, aragenda. Ivyo vyabaye ku musi w’Isabato.
Luka Yohana 5:8-9
5
Yohana 5:19
Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.
Luka Yohana 5:19