1
Roma 7:25
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Imana ishimwe yo imbohora biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu! Nuko rero, mu mutima wanje nipfuza cane kwumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko muri kamere muntu kanje njakariye icagezwe c’icaha.
ತಾಳೆಮಾಡಿ
Roma 7:25 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
2
Roma 7:18
Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora.
Roma 7:18 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
3
Roma 7:19
Mu vy’ukuri, ivyiza ngomba gukora si vyo nkora, ahubwo ibibi ntagomba gukora nsanga ari vyo nakoze.
Roma 7:19 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
4
Roma 7:20
Iyo nkoze ivyo ntagomba, bisigura ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe kibinkoresha.
Roma 7:20 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
5
Roma 7:21-22
Nasanze hari icagezwe kimbamwo: iyo ngomba gukora ivyiza, nsanga nakoze ibibi. Ndakunda ivyagezwe vy’Imana n’umutima wanje wose.
Roma 7:21-22 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
6
Roma 7:16
None rero iyo menye ko ivyo nkoze ntashaka gukora ari bibi, mba nemeje ko ivyagezwe ari vyiza.
Roma 7:16 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ