1
Luka 23:34
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Maze Yesu aravuga ati: “Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora.” Maze bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo.
ತಾಳೆಮಾಡಿ
Luka 23:34 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
2
Luka 23:43
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”
Luka 23:43 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
3
Luka 23:42
Aca avuga ati: “Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe.”
Luka 23:42 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
4
Luka 23:46
Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje.” Ahejeje kuvuga ivyo, aracikana.
Luka 23:46 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
5
Luka 23:33
Babashikanye ahantu hitwa Nyagihanga, abasoda baca baramubamba, ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe i buryo uwundi i bubamfu bwiwe.
Luka 23:33 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
6
Luka 23:44-45
Hari nk’isaha zitandatu z’umurango, maze umwijima utwikira igihugu cose gushika isaha icenda, kuko izuba ryari ryazimye. Maze igitambara co mu rusengero na co gitabukamwo kubiri.
Luka 23:44-45 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
7
Luka 23:47
Intwazangabo y’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari umugororotsi.”
Luka 23:47 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ