1
Matayo 16:24
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Hanyuma Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.
Compare
Matayo 16:24 ખોજ કરો
2
Matayo 16:18
Nanje ndakubwiye ko uri Petero; bisigura ‘urutare’, kandi ko kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.
Matayo 16:18 ખોજ કરો
3
Matayo 16:19
Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru; ico uzoboha cose kw’isi, kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico uzobohora kw’isi cose, kizoba kibohowe no mw’ijuru.”
Matayo 16:19 ખોજ કરો
4
Matayo 16:25
Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azoburokora.
Matayo 16:25 ખોજ કરો
5
Matayo 16:26
Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?
Matayo 16:26 ખોજ કરો
6
Matayo 16:15-16
Aca arababaza ati: “None mweho, muvuga ko ndi nde?” Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”
Matayo 16:15-16 ખોજ કરો
7
Matayo 16:17
Yesu nawe aca amubwira ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.
Matayo 16:17 ખોજ કરો
હોમ
બાઇબલ
યોજનાઓ
વિડિઓઝ