1
Luka 14:26
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
“Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana biwe, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo nyene, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Compare
Luka 14:26 ખોજ કરો
2
Luka 14:27
Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Luka 14:27 ખોજ કરો
3
Luka 14:11
Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”
Luka 14:11 ખોજ કરો
4
Luka 14:33
Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Luka 14:33 ખોજ કરો
5
Luka 14:28-30
Ni nde muri mwebwe agomvye kwubaka igorofa, atobanza kwicara ngo aharure neza ko afise ivyo kuyuzuza? Kuko niyamara kwubaka umushinge hanyuma ntashobore kuyuzuza, abazoyibona bose bazomutwenga, bivugire bati: ‘Ehe, raba uwu muntu yatanguye kwubaka inzu ariko ntiyashobora kuyuzuza.’
Luka 14:28-30 ખોજ કરો
6
Luka 14:13-14
Ahubwo niwategura umusi mukuru, uze utumire abakene, abamugaye, abacumbagira n’abatabona. Aho ni ho uzohezagirwa. Kubera yuko badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi.”
Luka 14:13-14 ખોજ કરો
7
Luka 14:34-35
Umunyu ni ingirakamaro. Ariko iyo umaze gutakaza uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimaze, haba mw’ivu canke mu mase yo muri nyabarega; haba hasigaye ko utabwa hanze. Uwufise amatwi yumva, niyumve!”
Luka 14:34-35 ખોજ કરો