Zefaniya Intangamarara
Intangamarara
Igituma urukurikirane rwa ba sekuruza b’uwu muvugishwa Zefaniya ari rurerure mu buryo budasanzwe, kandi rukerekana ibintu vyinshi (1:1), ni kubera yoba yakomoka mu muryango w’abami. Muri ba sekuruza turabonamwo uwitwa Hezekiya, uwo na we akaba yoba ari urya mwami yatwaye Ubuyuda kuva mu mwaka wa 715 gushika mu mwaka wa 686 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo.
Zefaniya yabaye umuvugizi w’Uhoraho mu bwami bw’i Buyuda, ku ngoma ya Yosiya (640–609) (1:1). Abami bari batwaye imbere ya Yosiya ari bo Manase na Amoni, bari bakwegeye abantu mu vyo gusenga ibigirwamana (2 Abami 21). Kuva nko mu mwaka wa 629, Yosiya yatanguye gukura ibigirwamana mu gihugu, no gukuraho ibibanza vyasengerwamwo ariko bitemewe n’ivyagezwe vy’Imana (2 Ngoma 34:3-7). Mu mwaka wa 622, ni ho yasanuye urusengero, rwari rumaze igihe rwarugawe. Abariko bararusanura, baratoye Igitabu c’Ivyagezwe vya Mose, vyari vyaribagiwe. Gutora ico gitabu kwatumye Yosiya aca atangura igikorwa gikomeye co gusubiza ibintu ku rutonde (2 Ngoma 34:8-33). Ivyo bikorwa vyiwe vyashobotse kubera ko ico gihe ubwami bwa Ashuri bwari bwiganje muri ako karere kose, bwariko busubira hasi.
Zefaniya yavugishijwe imbere y’umwaka wa 622 kuko, mu vyo yavuze yiyamirije ivyo gusenga ibigirwamana mu Buyuda hamwe n’i Yerusalemu (1:4-5). Ikindi kivyerekana ni uko itegeko ry’i Ninewe, umugwa mukuru w’ubwami bwa Ashuri, ryasa n’aho ricubahirizwa muri ako karere (2:13-15). Ukuvugishwa kwiwe rero gusa n’aho kwabaye imbere y’uko ubwami bwa Ashuri busubira hasi rwose, inyuma y’urupfu rwa Ashurubanipali, rwabaye mu mwaka wa 625. Yoba yavugishijwe nko mu mwaka wa 630 akaba yarabonye intango y’ibikorwa vya Yosiya vyo kurandura ivyo gusenga ibigirwamana i Yerusalemu n’i Buyuda, vyabaye kuva 629.
Zefaniya yaravuze ivyo kuza “kw’umusi w’Uhoraho” (1:2–2:3) aho Imana izocira urubanza abasenga ibigirwamana bose bo mu bantu bayo. Kumbure, abantu bicisha bugufi, bakizigira Uhoraho kandi bakabaho bagororotse, abo bazorokoka (2:3). Ijambo “kumbure” ntiriva ku gukekeranya amasezerano y’Imana, ariko rihari kubera agakiza kava ku buntu bw’Imana gusa. Uwo musi w’Uhoraho (3:8) uzoshika no ku mahanga akikije Ubuyuda, na canecane ab’i Ninewe, imbere yo guhwikira Yerusalemu (2:4–3:8). Ariko Uhoraho ntazozanwa no guca urubanza gusa: azozanwa kandi no kurokora (3:9-20). Kubera igikorwa ciwe co kuzana impinduka nziza, amoko yose azomukorera afatanye mu nda (3:9). Abisirayeli bamaze gutyororwa n’urubanza, bazoba amasigarira bahindurwe, bahebe ibikorwa vyabo bibi. Ni co gihe Uhoraho azoheza agahagarara hagati muri bo, atagira abacire urubanza (3:5), ahubwo ameze nk’umuhizi mu ntambara wo kubagwanira no kubakiza (3:15,17).
Currently Selected:
Zefaniya Intangamarara: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.