Zefaniya 1
1
1Iri ni ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri Zefaniya, mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, ku ngoma ya Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda.
Urubanza rw’Imana
2“Nzorandura ibintu
vyose biri kw’isi,”
ni ko Uhoraho avuze.
3“Nzorandura abantu n’ibikoko;
nkureho inyoni mu kirere
n’amafi mu biyaga,
hamwe n’ibigirwamana bituma umunyakibi atsitara.
Igihe nzorandura abantu bose
nkabakura kw’isi,”
ni ko Uhoraho avuze,
4“nzoramvurira ukuboko kwanje kugwanya Abayuda,
no kugwanya abantu bose baba i Yerusalemu.
Nzorandura abasenga Bayali bose bazoba bagisigaye muri kino kibanza,
n’amazina y’abaherezi basenga ibigirwamana,
5bapfukama hejuru ku mazu,
bagasenga inyenyeri zo kw’ijuru,
bakongera bakunama bakarahira mw’izina ry’Uhoraho,
kandi bagasubira bakarahira mw’izina rya Moleki.
6Nzorandura n’abo bose basubiye inyuma batakinsenga,
hamwe n’abo batakirondera Uhoraho canke ngo bagire ico bamusiguza.”
7Nimuhwekere imbere y’Uhoraho Nyeninganji,
kuko umusi w’urubanza rwiwe uri hafi.
Uhoraho yarateguye ikimazi;
yaramaze gutegura abo kugitanga.
8Kandi kuri uwo musi w’ikimazi c’Uhoraho,
nzohana abatware
n’abaganwa ari bo bahungu b’umwami,
hamwe n’abo bose
basenga imana z’abanyamahanga.
9Kuri uwo musi nzohana
abaja mu misi mikuru yo gusenga ibigirwamana,
bakuzuza inzu z’ibigirwamana vyabo
umuryano n’uruhendo.
10“Kuri uwo musi,”
ni ko Uhoraho avuze,
“induru izokwumvikanira kw’Irembo ry’Amafi,
abantu baboroge bava mu gisagara gishasha,
kandi ijwi rirenga rizumvikanira ku misozi.
11Nimuboroge, yemwe ababa hafi y’utuguriro,
kuko abadandaza banyu bose bakuweho,
abashora ifeza bose na bo bakaba bahonye.
12Ico gihe nzorondeza Yerusalemu urumuri,
mpane abantu bose bidibamiye mu vyaha vyabo,
bameze nk’umuvinyu ureremba hejuru ku mvuzo,
bibwira ko Uhoraho ata na kimwe azokora,
kiba kibi canke ciza.
13Ubutunzi bwabo buzosahurwa,
amazu yabo azosenyurwa.
Naho bubaka amazu,
ntibazoyabamwo.
Naho barima imizabibu,
ntibazonywa imitobe yazo.
14Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi,
uri hafi kandi uje wihuta.
Amarira yo ku musi w’Uhoraho azoba ateye agahinda,
aho n’umuhizi mu ntambara azoboroga.
15Uwo musi uzoba ari umusi w’uburake,
umusi w’amarira n’imibabaro,
umusi w’ivyago no guhona,
umusi w’umwijima w’umuzitanya,
umusi w’igipfungu n’ukwiraburanirwa,
16umusi w’inzamba n’akaruru k’intambara,
yo kugwanya ibisagara bizitiriwe
n’iminara yo mu mfuruka zavyo.
17Nzoteza ivyago amahanga,
agende arajuragirika kurya kw’impumyi,
kuko bacumuye k’Uhoraho.
Amaraso yabo azoseswa hasi nk’amazi,
n’imibiri yabo ibore nk’umwavu.
18Ifeza zabo canke inzahabu zabo
nta na kimwe kizoshobora kubakiza,
ku musi w’uburake bw’Uhoraho.”
Mu kururumba kw’ishari ryiwe
isi yose iyo iva ikagera, izotongorwa n’umuriro,
kuko azoshiraho iherezo mu buryo bwihuta
ry’abantu bose bari kw’isi.
Currently Selected:
Zefaniya 1: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.