YouVersion Logo
Search Icon

Nahumu 3

3
Ibara kuri Ninewe
1Uzobona ibara, yewe wa mugwa wuzuye amaraso,
wuzuye ibinyoma,
wuzuye ubwambuzi,
utigera uburamwo umuvyimba!
2Umve urwamo rw’ibimoko,
uguhinda kw’amaguru y’imikogote,
umuvuduko w’amafarasi,
uguhinda kw’imikogote y’intambara!
3Ehe uwugwanira kw’ifarasi,
inkota zica ibibatsi,
n’amacumu ararabagirana!
Hari abishwe benshi,
ibirundo vy’imivyimba,
n’imivyimba myinshi
abantu bagenda bayitsitarako.
4Ivyo vyose bitewe n’ubusambanyi bwa maraya w’agahebuza,
w’ubwiza bukwega, umuhinga mu mareba,
yabohesheje amahanga ubusambanyi bwiwe,
amoko na yo akayabohesha uburozi bwiwe.
5“Nzokugwanya,”
ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze.
“Nzoduza impuzu zawe ndazigupfuke mu maso.
Nzogaragariza amahanga ubwambure bwawe,
isi yose ndayereke ibiteye isoni vyawe.
6Nzokurundako ibiteye isoni,
nerekane ko ukengeretse,
ntume uba agatwengo.
7Abazokubona bose bazoguhunga,
bavuge bati: ‘Ninewe habaye umusaka;
ni nde yoharirira?’ ”
8Mbega uruta igisagara ca Tebesi,
cari ku nkengera y’uruzi Nili,
gikikujwe n’amazi?
Urwo ruzi ni rwo rwari rugikingiye,
kandi amazi yari akibereye nk’igihome kigikingira.
9Etiyopiya na Egiputa vyari inkomezi zaco zitagira aho ziherera;
Puti na Libiya vyari mu vyifatanije na co.
10Ariko caratewe kirafatwa,
abantu baco batwarwa mu kinyago.
Inzoya zaco ziciwe mu mayirabiri
zihondagujwe amabuye.
Abubahwa baco batwawe nk’abaja hakoreshejwe ubupfindo.
Abatware baho baboheshejwe iminyororo.
11Na wewe Ninewe uzoborerwa ku bw’umubabaro;
urondere ingene wokwinyegeza,
uhunge abansi bawe.
12Ibihome vyawe bimeze nk’ibiti vy’imisukoni,
iyo yeze ivyamwa vyayo vya mbere;
barayinyiganyiza,
insukoni zayo zigahungurukira mu kanwa k’uwuzirya.
13Ehe raba ingabo zawe zose;
zisigaye zifise intege nke nk’abagore!
Amarembo yawe aratamanzuye,
yugururiwe abansi bawe;
umuriro na wo wacagaguye ibihindizo vyayo.
14Vomera mu bigega vy’amazi, amazi akwiye kuko ugiye guterwa,
ukomeze ibihome vyawe!
Katura ibumba,
ukanyage ubudongo,
ufate iforoma yo gufyatura amatafari yo kuzibira ibihengeri.
15Ariko na ho nyene, umuriro uzogutongora,
inkota izokurigata,
nk’uko inzige zirigita ivyatsi.
Nta wuzorokoka,
naho mwogwira mukangana n’inzige.
16Wagwijije abadandaza
bangana n’inyenyeri zo kw’ijuru,
ariko bameze nk’inzige zitongora ibiterwa vyo mu gihugu,
zaheza zikagorora amababa zikigurukira.
17Abarinzi bawe bangana n’inzige,
n’abatware bawe bangana n’inzige
zirundana ku nzitiro iyo hakanye,
ariko akazuba katse zikigurukira,
kandi nta n’uwumenya irengero ryazo.
18Yewe mwami wa Ashuri, abungere barasinziriye kandi ntibazokwikangura;
abahambaye bararuhutse ubwa nyuma.
Ubwoko bwawe bushwiragiriye mu misozi,
kandi nta wo kubegeranya azoboneka.
19Nta kintu coshobora kugukiza,
kuko uruguma rwawe ntirushobora gukira.
Abumvise ivyakubayeko bose
bakoma amashi, bakwitamba ku muvyimba.
Kuko ukugira nabi kwawe
ata we kutasesereje.

Currently Selected:

Nahumu 3: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in