Nahumu 2
2
Ninewe hasenyuka
1Ehe uwugutera arakwegereje, yewe Ninewe!
Rinda inzitiro,
rinda amabarabara,
kenyera zigume,
ambara inkomezi!
2 Uhoraho agiye kugarukana icubahiro ca Yakobo,
nk’icubahiro ca Isirayeli,
naho abaranduzi bari bahasahuye,
bakahagira nk’umuzabibu wahonye.
3Inkinzo z’ingabo ziwe zisize ibara ritukura,
n’ingabo zambaye ibitukura.
Ivyuma vy’imikogote yiwe birakayangana,
ku musi wo kwitegura kwiwe,
amacumu akwikiye mu biti vy’amasederi arahungabana.
4Imikogote y’intambara irahinda mu mabarabara,
inyuragirana ahantu hose.
Imeze nk’ibishirira,
inyaruka nk’imiravyo.
5Umwami w’i Ninewe ahamagaye abakuru b’ingabo ziwe,
baza baratsitara mu nzira.
Bihuta baja ku nzitiro zaho,
bafashe inkinzo zo kwikingira.
6Inzugi zija ku ruzi zirabomowe,
n’ikirimba c’umwami kirahomvotse.
7Itegeko ryasohotse, rivuga ko ab’i Ninewe
bajanwa ari inyagano kure.
Incoreke zaho ziboroga nk’inuma
zikubita ku gikiriza.
8I Ninewe hameze nk’itangi y’amazi,
abantu baho biruka nk’amazi yayo iyo itobotse.
Umwe agasemerera, ati: “Hagarara, hagarara!”
Ariko mu bariko barahunga nta n’uwukebuka.
9Sahura ifeza!
Sahura inzahabu!
Ubutunzi bwaho ntibuhera,
huzuye ibintu vy’agaciro bidaharurika.
10Igisagara kirasahuwe, kirambuwe, kirasenyuwe!
Imitima irashonga, amavi acitse intege,
imibiri irajugumira, abantu bose barahinduriye mu maso.
11Icobo c’intare kiri hehe,
ico bagabuririramwo izikiri ntonto,
Cari ikibanza intambwe z’ingabo n’ingore zatemberanamwo
n’ivyana vyazo ata co zinona.
12Intambwe yahigira ivyana vyayo ibikwiye,
ikanigira ibikoko ingore yayo,
ikuzuza amasenga ivyo yishe,
ivyobo vyayo ikavyuzuza ivyo yasahuye.
13 Uhoraho Mushoboravyose avuze ati:
“Nzokugwanya.
Nzoturira imikogote yawe icike umunyota,
intambwe zawe zikiri ntonto
zimarwe n’inkota.
Nta munyago nzogusigira kw’isi,
n’amajwi y’intumwa zawe ntazosubira kwumvikana.”
Currently Selected:
Nahumu 2: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.