1
1Ibi ni ivyo Nahumu yavugishijwe vyerekeye Ninewe. Biri mu gitabu, akaba yabironse mu kwerekwa ari i Elikoshi.
Uhoraho ashavuriye Ninewe
2 Uhoraho ni Imana ipfuha kandi yihora;
Uhoraho ni Imana yihora kandi ifise uburake bwinshi.
Uhoraho yihora abamugwanya,
kandi uburake bwiwe abwamiza ku bansi biwe.
3 Uhoraho ateba kuraka, ariko ni umunyenkomezi ahambaye;
Uhoraho nta ho azoreka guhana uwagiriwe n’icaha.
Yigaragariza mu gashururu no mu gihuhusi,
kandi ibicu ni nk’umukungugu musi y’ibirenge vyiwe.
4Akankamira ikiyaga kigakama,
agakamya inzuzi zose.
I Bashani n’i Karumeli harumye,
kandi amashurwe y’i Libani arakabiranye.
5Imisozi iratigita imbere yiwe,
udutumba tugashonga.
Isi ihinda agashitsi imbere yiwe,
co kimwe n’abayibako bose.
6Ni nde yohagarara imbere y’uburake bwiwe,
ni nde yokwihanganira uburake bwiwe bw’inkazi?
Umujinya wiwe iyo usutswe umeze nk’umuriro;
amenagura ibitandara.
7 Uhoraho ni mwiza,
ni ubuhungiro mu gihe c’amagorwa,
kandi yitaho abamuhungirako.
8Ariko asendanishije nk’umwuzure w’amazi menshi,
azorandura Ninewe.
Kandi abansi biwe azobakurikirana, gushika no mu mwijima.
9Ivyo mutegura vyose vyo kugwanya Uhoraho
Azokubita rimwe gusa, abarandure,
ntazorinda gukubita irya kabiri.
10Abansi biwe bazomera nk’abari mu mahwa y’inzitane,
bamere nk’abantu baborewe umuvinyu mwinshi.
Bazotongorwa nk’ubwatsi bwumye.
11Muri wewe, yewe Ninewe, hariho uwosha abantu
afise imigabo mibi k’Uhoraho,
akagira inama mbi abantu.
12Uku ni ko Uhoraho avuze:
“N’aho abansi bawe ari benshi kandi bakaba bakomeye,
bazorandurwa baherengetere.
Namwe Bayuda bantu banje, n’aho nigeze kubababaza,
sinzosubira.
13Ngiye kuvuna ingogo iri ku bitugu vyanyu,
ncagagure n’iminyororo ibaboshe.”
14Uku ni ko Uhoraho ategetse ku bwawe, yewe Ninewe:
“Ntuzosubira kuronka uruvyaro rwitirirwa izina ryawe.
Nzorandura ibishushanyo bibajwe n’ibibumbano
biri mu ngoro z’imana zanyu.
Nzokwimbira imva,
kuko uri umunyakibi.”
15Ehe ku mpinga z’imisozi,
hari ibirenge vy’abazanye inkuru nziza,
bazanye inkuru z’amahoro!
Gira imisi mikuru yawe, yewe Yuda,
ushitse n’ivyo wasezeranye.
Nta banyakibi bazosubira kugutera;
kuko bazorandurwa baherengetere.