YouVersion Logo
Search Icon

Habakuki Intangamarara

Intangamarara
Naho igitabu ca Habakuki ata co kivuga ku bijanye n’umwidondoro w’uwu muvugishwa, dufatiye kuri bimwe mu vyo kivuga vyerekeye kahise, na canecane bivuga kuri Babiloni (1:6), twoshobora kumenya igihe yavugishirijwemwo.
Ubiravye, usanga guhera mu mwaka wa 630 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo, Abanyababiloni ari bo bari bakomeye, baca baganza ako karere kose ka Mezopotamiya, bamaze kwikurako intwaro y’Abashuri. Mu mwaka wa 626, ni ho bashinga ubwami bwabo, hanyuma mu mwaka wa 612, bifatanije n’Abamedi, bigarurira Ninewe, umugwa mukuru w’ubwami bwa Ashuri, naho Egiputa cagerageje gutabara Ashuri, ariko bikanka. Mu mwaka wa 609, Abanyegiputa barinjiye i Buyuda bagomba kubandanya ngo bashike ku ruzi Efurate. Yosiya, umwami w’i Buyuda, agerageza kubankira guca mu gihugu ciwe, maze baramwica agwa mu ntambara i Megido. Ingabo za Farawo zigwana n’ingabo za Babiloni zari zirongowe na Nabopolasari: muri iyo ntambara nta watsinze. Mu gusubira inyuma, Farawo yaciye i Yerusalemu, akura Yowahazi umwami mushasha w’Ubuyuda, mu gishingo ciwe ahashira Yehoyakimu, yari acuditse n’Abanyegiputa (2 Abami 23:29-35). Mu mwaka wa 605 habaye iyindi ngwano hagati y’ayo mahanga abiri akomeye. Nabopolasari arapfa yishwe n’ingwara, maze umuhungu wiwe Nebukadineza atsinda iyo ntambara bari ahitwa Karikemishi. Ico gihe Abanyegiputa bariko baratakaza inkomezi. Ingabo za Babiloni zirabakurikira gushika i Yerusalemu. Nebukadineza yugariza Yerusalemu, maze Yehoyakimu na we aca aramwisaba (2 Abami 24:1). Nabukadinezari yasubiranye inyuma iminyago myinshi, hamwe n’imbohe za mbere, zigizwe n’abantu batoranijwe mu bahambaye n’abanyacubahiro bo mu Bayuda (Daniyeli 1:1). Yatwaye imyaka myinshi n’igihugu ciwe kiratera imbere.
Habakuki yari azi Abanyababiloni n’ingene bakora ikibi (1:6-11). Ariko mu gihe ciwe, biboneka nk’aho Abanyababiloni batari bwatere i Buyuda (1:5). Igihe yavugishwa, hoba hari imbere y’uko intambara yabereye i Karikemishi iba. Ndetse, Habakuki ariyamiriza akarenganyo, n’agacinyizo vyabera i Buyuda (1:2-4), ivyo na vyo bikaba canecane vyabaye ku ngoma ya Yehoyakimu, aho kuba ku ya Yowashi. Twovuga rero ko Habakuki yavugishijwe mu ntango y’ingoma ya Yehoyakimu, hagati y’imyaka ya 609 na 605. Habakuki rero Yabayeho mu gihe ca Yeremiya.
Ukuvugishwa kwa Habakuki, kugizwe ahanini n’ikiganiro hagati y’Uhoraho na Habakuki, kukaba kwerekana ingene Imana ari yo itegeka ibiba kw’isi vyose. Ni gute Imana igororotse yirengagiza akarenganyo (1:2-4) canke igahanisha umubi uwumusumvya ububi (1:12–2:1)? Mu nyishu yamuhaye, Uhoraho avuga ko umunyakibi azocirwa urubanza (1:5-11; 2:5-20) maze ubutungane bwiganze kw’isi (2:13-14). Ariko ivyo bizoshika igihe cavyo kigeze (2:3; 3:3; Abaheburayo 10:37). Nuko, mu kurindira “ukuza” kw’Imana (2:3; 3:3), uwu muvugishwa ahamagarirwa kubeshwaho n’ukwizera, mu kwemera ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye (2:3-4). Muri iryo jambo, intumwa Pawulo yabonyemwo ingingo igenga umubano hagati y’Imana n’uwizera (Roma 1:17; Galatiya 3:11). Habakuki we, yishura akoresheje isengesho ry’ukwizera (3), yakira amasezerano y’Uhoraho (3:2), hamwe n’ukwitega agakiza k’Imana (3:16-19).

Currently Selected:

Habakuki Intangamarara: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in