3
Isengesho rya Habakuki
1Iri ni isengesho ry’umuvugishwa Habakuki, riririmbwa mw’ijwi rya Shigiyonoti.
2 Uhoraho, numwise ukwamamara kwawe,
mpagarara ntewe ubwoba n’ibikorwa vyawe bitangaje, yewe Uhoraho.
Subira ubikore muri kino gihe cacu,
bimenyekanishe mu gihe co kubaho kwacu;
ariko mu burake bwawe, wibuke kugira imbabazi.
3Imana yazananye i Temani,
Uwera yaturutse ku musozi Parani. Sela.
Ubwiza bwayo bwari butwikiriye amajuru,
kandi amashimwe yayo yuzuye isi.
4Ubwiza bwayo bwari bumeze nk’izuba rirashe;
imishwarara yava mu kiganza cayo,
ahari hanyegejwe ububasha bwayo.
5Agatikizo kagendera imbere yayo;
akaranda kagakurikira ibirenge vyiwe.
6Maze irahagarara, inyiganyiza isi;
iritegereza, ijugumiza amahanga.
Imisozi yahozeho irasaduka,
n’imitumba ya kera cane irasenyuka.
Inzira zayo ni iz’ibihe bidashira.
7Nabonye amahema y’ab’i Kushani yuzuye umubabaro,
n’Abamidiyani aho baba hihebuye.
8Yewe Uhoraho, mbega wari urakiye inzuzi?
Uburake bwawe bwari ku masoko?
Mbega wari uhagurukiye ibiyaga
aho waza kw’ifarasi
no mu mikogote y’intsinzi?
9Wasokoroye umuheto,
wegeranya imyampi myinshi. Sela.
Watandukanije isi ukoresheje inzuzi,
10imisozi yarakubonye irashonga.
Amasumo y’amazi arahita,
i bwina mu kiyaga hakumvikana urwamo,
kigaterera imipfunda yaco hejuru.
11Izuba n’ukwezi birahagarara kw’ijuru
kubera imyampi irashwe,
n’ukurabagiza kw’icumu ryawe ritewe.
12Wagendagenze mu gihugu ufise umujinya,
uhonyangisha amahanga ugukara kwawe.
13Wazanywe no gucungura ubwoko bwawe,
no gukiza uwo wasize amavuta.
Wafyonyoye umutware w’igihugu cuzuye ikibi,
uramuvunagura kuva ku mutwe gushika ku birenge. Sela.
14Watobekeranishije umutwe wiwe icumu ryiwe,
igihe ingabo ziwe zari zije kudushwiragiza,
babikorana umunezero mwinshi ngo bahonye
umworo aho yari yinyegeje.
15Wahonyangishije ikiyaga ifarasi zawe,
hamwe n’imikuba y’amazi menshi.
16Naravyumvise nsimbwa n’umutima,
iminwa yanje ijugumizwa n’iryo jwi;
ukubora kwinjira mu magufa yanje,
amaguru yanje arajugumira.
Ariko nzorindira nihanganye umusi w’amakuba,
aho uzozira kw’ihanga ryaduteye.
17Naho umusukoni wanje utoshurika,
inzabibu zanje ntizame,
naho umwimbu wa elayo worumba
imirima ntigire ico yera,
naho intama zohera mu rugo,
umukuku ugahera mu ruhongore,
18nzonezererwa Uhoraho,
nzohimbarirwa Imana y’agakiza kanje.
19 Uhoraho Nyeninganji ni we nkomezi zanje;
akomeza ibirenge vyanje nk’ivy’ingeregere,
anshoboza kugendera ku dutwe tw’imisozi.
Ku mukuru w’abaririmvyi: Iri sengesho rizoririmbwe hakoreshejwe ibicurarangisho vy’imirya.