Habakuki 2
2
1Nzoduga ku munara wanje,
mpagarare ku kirindiro canje.
Nzorindira ico ambwira,
menye n’ico ndamwishura kuri aya maganya.
Inyishu y’Uhoraho
2Maze Uhoraho aranyishura, ati:
“Andika ivyo uhishuriwe,
ubishire ahabona ku bisate vy’amabuye
ku buryo vyorohera gusoma, uwugenda asemerera.”
3Kuko ivyo wahishuriwe birafise igihe bizoshikirako.
Bivuga ivy’igihe c’iherezo,
kandi ntibibesha.
Naho vyoteba,
ubirindire;
nta nkeka bizoba, kandi ntibizoteba.
4“Raba umwansi yishize hejuru;
ivyipfuzo vyiwe ntibiroranye.
Ariko umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.”
5Ni ukuri, umuvinyu uramuhenda;
yuzuye ubwibone kandi ntiyigera atekana.
Ameze kurya kw’imva itigera ihaga,
kandi ameze kurya kw’urupfu rutigera rushirwa,
yiyegeranirizako amahanga yose,
akagira imbohe abantu bose.
6“Ariko, mbega abo bose ntibazomuhindura ikimaramare, bitwengera bavuga bati:
‘Azobona ibara uwirundaniriza ivyo yasahuye,
akitungisha mu vyo yagunze abandi!
Mbega azobikora kugeza ryari?’ ”
7Mbega abo mufitiye imyenda ntimuzobwirwa n’uko babahagurukiye?
Ntibazokwikangura bagatuma mujugumira?
Maze muzohinduka umunyago wabo.
8Kuko wasahuye amahanga menshi,
abacitse kw’icumu na bo bazobasahura.
Kuko mwasheshe amaraso y’abantu;
mukarandura ibihugu n’ibisagara, ndetse n’ababibamwo bose.
9Azobona ibara uwiyubakira inzu mu nyungu mbi,
akishirira icari ciwe hejuru,
kugira ngo yikingire icago cose.
10Ariko waranduye amahanga menshi,
uteza isoni inzu yawe bwite kandi uzanira akaga ubugingo bwawe.
11Amabuye yubatse impome azobaha induru,
ibiti bizisakaye biyakire.
12“Azobona ibara uwubakisha igisagara gusesa amaraso,
agakomeresha igisagara akarenganyo.”
13Mbega Uhoraho Mushoboravyose si we yashinze ko
abantu baruhira ibizotongorwa n’umuriro,
n’amahanga akaruhira ubusa?
14Kuko isi izokwuzura ukumenya ubwiza bw’Uhoraho,
nk’uko amazi yuzura ikiyaga.
15“Azobona ibara uwuha inzoga mugenziwe,
akamusukira iyiri mu mubindi gushika aborewe,
kugira ngo abone ubwambure bwiwe.”
16Uzotwikirwa n’isoni mu gishingo c’icubahiro.
Ubu ni wewe uramukiwe!
Nunywe nawe, ubwambure bwawe bugaragare.
Igikombe co mu kuboko kw’i buryo kw’Uhoraho kirabashikiriye,
kandi ubumaramare ni bwo buzosubirira ubwiza bwanyu.
17Ibibi wakoreye Libani bizokurengera,
kandi agatikizo wagiriye inyamaswa zaho kazogutera ubwoba.
Kuko washeshe amaraso y’abantu,
utikiza ibihugu, ibisagara, hamwe n’ababibamwo bose.
18“Mbega igishushanyo kibazwa n’umuntu kimaze iki?
Canke ikibumbano kivuga ibinyoma?
Kuko ababibumba bizigira ivyo bakoze bo nyene;
bakora ibigirwamana bidashobora no kuvuga.
19Azobona ibara uwubwira igiti cumye ati: ‘Ba muzima!’
canke akabwira ibuye ati: ‘Kanguka!’
Mbega igishushanyo cokwereka inzira?
Cometseko ifeza n’inzahabu ahantu hose;
ntikigira ubuzima muri co.”
20Ariko Uhoraho avyagiye mu Ngoro yiwe yera;
amahanga yose nahwekere imbere yiwe.
Currently Selected:
Habakuki 2: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.