Habakuki 1
1
1Ubu ni ubutumwa bwahawe umuvugishwa Habakuki.
Ukuzazanirwa kwa Habakuki
2Yewe Uhoraho, mbega nzogeza ryari kuguhamagara ngo umfashe,
ariko ntunyumve,
canke nkagutakira kubera umuryano
ariko ntutabare?
3Ni kuki utuma ndaba akarenganyo?
Ni kuki wihanganira ibikorwa bibi?
Guhonya n’umuryano biri imbere yanje;
kandi imitongano n’amatati biri ahantu hose.
4Ni co gituma ivyagezwe bitagikurikizwa,
n’ubutungane ntibwubahirizwe.
Umunyakibi aratsinda umugororotsi,
ubutungane bugasibanganywa.
Inyishu y’Uhoraho
5“Nimwitegereze amahanga, murabe
hanyuma mutangare mwumirwe.
Kuko mu gihe canyu,
ngiye gukora ikintu mutokwigera mwemera,
naho hogira uwukibabwira.
6Ngiye guhagurutsa Abanyababiloni,
ubwoko bw’inkazi kandi butagira imbabazi,
buzoca mw’isi yose
bwigarurire ibindi bihugu.
7Ni abo gutinywa kandi bateye ubwoba.
Bishingira amategeko nk’uko bishakiye
bakigwiriza icubahiro.
8Amafarasi yabo anyaruka kurusha ingwe,
akerebutse kurusha imfyisi zihiga iyo bwije.
Abagendera ku mafarasi babo basimbagurika bihuta,
kandi abagendera ku mafarasi babo baza bava kure.
Baguruka kurya kw’inkona iyo yihutira gucakira ico irotsa.
9Bose bazanwa no gutera intambara.
Amasinzi yabo agenda nk’umuyaga wo mu bugaragwa,
bakegeranya imbohe zingana n’umusenyi.
10Batwenga abami,
bagashinyagurira abaganwa.
Basuzugura ibisagara vyabo bizitiriwe;
maze bakagira ibirundo vy’ivu, bakurira bakabifata.
11Bagenda bihuta nk’umuyaga iyo uriko urahita.
Ariko ni abo gutsindwa n’urubanza kuko inkomezi zabo ari zo mana yabo.”
Habakuki yongera kuzazanirwa
12Yewe Uhoraho, mbega nturi Iyihoraho?
Mana yanje, Uwera, utazokwigera upfa.
Yewe Uhoraho, wabashiriyeho gushitsa amateka yawe;
yewe gitandara canje, wabategetse kuduhana.
13Ariko inyonga zawe ziratunganye ntizikunda kuraba ikibi,
ntiwihanganira inkozi y’ikibi.
None ni kuki wihanganira abanyazi?
Ni iki gituma wirengagiza iyo umunyakibi amira uwumusumvya ubugororotsi?
14Abantu wabagize nk’amafi yo ku kiyaga,
bamera nk’ibiremwa vyo mu mazi bitagira umurongozi.
15Umunyakibi akwegesha abantu igera,
akabategesha urusenga nk’urwo kuroba,
akabegeraniriza mu co aroberamwo amafi,
hanyuma akanezerwa, agahimbarwa.
16Maze agashikanira ibimazi izo nsenga,
ico aroberamwo akagituririra ibimota neza,
kuko kubera urwo rusenga abayeho ubuzima bw’ibihimbaro bikomeye,
agahindura imfungurwa uko ashatse.
17Mbega azokwama asuka ibiri mu rusenga,
atikiza amahanga ata kagongwe?
Currently Selected:
Habakuki 1: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.