Itanguriro 25
25
Aburahamu avyara abandi bana
1Hanyuma Aburahamu arongora uwundi mugore yitwa Ketura, 2bavyarana Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani, Ishibaki na Shuwa. 3Yokishani na we avyara Sheba na Dedani. Abakomotse kuri Dedani ni Abashuri, Abaletushi n’Abaleyuli. 4Bene Midiyani ni Efa, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya. Urwo ni rwo ruvyaro Aburahamu yavyaranye na Ketura.
5Nuko Aburahamu araga Isaka ivyo yari afise vyose. 6Ariko imbere y’uko apfa, agabira abahungu yavyaye ku ncoreke ziwe, aca abarungika mu gihugu co mu buseruko kugira ngo abatandukanye na Isaka umuhungu wiwe.
7Aburahamu yapfuye amaze imyaka ijana na mirongo indwi n’itanu. 8Nuko aracikana, apfa yisaziye neza, ageze mu zabukuru; ahamvya ba sekuruza. 9Abahungu biwe Isaka na Ishimayeli bamuhamba mw’isenga ry’i Makapela hafi y’i Mamure, mw’itongo rya Efuroni mwene Zohari Umuheti. 10Iryo tongo Aburahamu yari yariguriye Abaheti. Aho ni ho Aburahamu yahambwe hamwe na Sara umugore wiwe. 11Aburahamu amaze gupfa, Imana ihezagira Isaka umuhungu wiwe, kandi yaba hafi y’iriba rya Beyeri-Lahayi-Royi.
Uruvyaro rwa Ishimayeli
12Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Ishimayeli umuhungu Aburahamu yavyaye kuri Hagari, incoreke ya Sara y’Umunyegiputakazi.
13Aya ni yo mazina y’abahungu ba Ishimayeli, nk’uko bakurikirana:
imfura yiwe ni Nebayoti,
hagakurikira Kedari, Adibeyeli, Mibusamu,
14Mishima, Duma, Masa,
15Hadadi, Tema, Yeturi,
Nafishi na Kedema.
16Aba ni bo bahungu icumi na babiri ba Ishimayeli. Umwe wese yabaye umukuru w’umuryango witirirwa izina ryiwe kandi aho babaye n’aho bacumbitse hitirirwa amazina yabo.
17Ishimayeli yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi, hanyuma aracikana ahamvya ba sekuruza. 18Abakomotse kuri Ishimayeli babaye mu karere kava i Havila gushika i Shuri, mu buseruko bwa Egiputa utumbereye ahitwa Ashuri. Kandi babana nabi n’incuti zabo.
Yakobo na Esawu
19Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Isaka, umuhungu wa Aburahamu.
Aburahamu yavyaye Isaka. 20Isaka amaze imyaka mirongo ine, arongora Rebeka, umukobwa wa Betuweli Umwaramu w’i Padani-Aramu, akaba na mushiki wa Labani Umwaramu.
21Nuko Isaka asenga Uhoraho ku bw’umugore wiwe, kuko yari ingumba. Imana yishura isengesho rya Isaka, maze Rebeka asama inda y’amahasa. 22Kubera ko abo bana baguma bagwanira mu nda yiwe, Rebeka aja kubaza Uhoraho ati: “Ni kuki ibi binshikiye?”
23 Uhoraho aramubwira ati:
“Mu nda yawe hari amahanga abiri,
uzovyara ubwoko bubiri bwankana;
bumwe buzoba ubukomeye kurusha ubundi,
kandi bukuru azokorera butoyi.”
24Hageze kuvyara, Rebeka asanga afise inda y’amahasa. 25Uwavutse ubwa mbere yaratukura kandi umubiri wiwe wari wuzuye ubwoya nk’impuzu y’ubwoya, baca bamwita Esawu. 26Uwa kabiri yavutse ikiganza ciwe gifashe igitsintsiri ca Esawu; na we bamwita Yakobo. Igihe bavuka, Isaka yari amaze imyaka mirongo itandatu.
27Abo bahungu bamaze gukura, Esawu aba umuhigi w’umuhinga kandi yakunda kugendagenda mu gahinga. Ariko Yakobo yari umuntu atekereje yakunda kuguma i muhira mu mahema. 28Isaka yakunda Esawu kuko yakunda inyama yamuzanira avuye guhiga, ariko Rebeka yakunda Yakobo.
29Umusi umwe, Yakobo yariko arateka isupu, hanyuma Esawu ashika i muhira avuye mu gahinga, arushe cane kandi ashonje. 30Esawu abwira Yakobo ati: “Ndakwinginze umpe kuri iyo supu yawe itukura, kuko ngira mpfe n’inzara!” Ni co gituma Esawu yiswe Edomu, bisigura “gutukura”.
31Yakobo aramubwira ati: “Banza umpebere uburenganzira bwawe bwo kuba samuragwa.”
32Esawu ati: “None ko ngira mpfe, ukwo kuba samuragwa kumariye iki ubu?”
33Yakobo ati: “Banza undahire.” Nuko Esawu arahira Yakobo ko amuhebeye uburenganzira kwo kuba samuragwa.
34Nuko Yakobo aha Esawu umukate na ya supu y’inkore, na we ararya arongera aranywa, hanyuma arahaguruka arigira.
Uko ni ko Esawu yahaye agaciro gato uburenganzira bwo kuba samuragwa.
Currently Selected:
Itanguriro 25: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.