Itanguriro 23
23
Urupfu rwa Sara
1Sara yabayeho imyaka ijana na mirongo ibiri n’indwi, 2hanyuma apfira i Kiriyati-Araba, ari ho Heburoni, mu gihugu c’i Kanani. Aho ni ho Aburahamu yamugandaririye, aramuririra.
3Hanyuma Aburahamu ava hambavu y’ikiziga c’umugore wiwe, aja kuvugana n’abakuru b’Abaheti. 4Arababwira ati: “Murazi ko ndi umunyamahanga na kavantara muri mwebwe. Ndabasavye mumpe ikibanza co guhambamwo kugira ngo mpambane iteka umugore wanje.”
5Abaheti bishura Aburahamu bati: 6“Nyakwubahwa, twumvirize. Wewe Imana yakugize umuganwa ahambaye muri twebwe. Hitamwo aho guhamba haruta ahandi abe ari ho umuhamba. Nta muntu n’umwe muri twebwe yokwima aho uhamba umuntu wawe.”
7Aburahamu arahaguruka yunamira Abaheti baba muri ico gihugu. 8Arababwira ati: “Ko munyemereye ko mpamba umugore wanje, ndabasavye munsabire Efuroni mwene Zohari, 9anyemerere ndamugurire isenga afise i Makapela, aho itongo ryiwe rigarukira. Ndahamugurira ku giciro bikwiranye mwese mukoranye, maze aho hantu hambere ikibanza co guhambamwo.”
10Uwo Efuroni yari yicaye aho mu bandi Baheti. Nuko yishura Aburahamu, abandi Baheti bose bari bakoraniye kw’irembo ry’igisagara bumva, ati: 11“Oya nyakwubahwa, nyumviriza neza. Ndakugabiye rirya tongo n’isenga riri muri ryo. Imbere y’aba bantu bo mu bwoko bwanje ndahaguyaye. Genda uhambe uwawe.”
12Aburahamu yongera yunamira abantu bo muri ico gihugu, 13abwira Efuroni bose bumva ati: “Ndakwinginze nanje unyumvirize. Nyemerera ndaguhe igiciro bikwiranye na rirya tongo, kugira ngo nshobore guhamba umuntu wanje.”
14Efuroni yishura Aburahamu ati: 15“Nyakwubahwa, nyumviriza neza. Rirya tongo riciye shekeli amajana ane#23:15 Ni nk’ibilo 4.6 z’ifeza. None ayo mahera amaze iki hagati yanje nawe? Genda uhambe uwawe.”
16Nuko Aburahamu yemera igiciro Efuroni amubwiye, amuharurira za shekeli amajana ane z’ifeza abakuru b’Abaheti bose babona.
17Uko ni ko Aburahamu yaguriye itongo Efuroni i Makapela, hafi y’i Mamure. Aho yaguze hari hagizwe n’itongo, isenga n’ibiti vyari muri ryo. 18Iryo tongo ryegukira Aburahamu imbere y’Abaheti bose bari bakoraniye kw’irembo ry’igisagara. 19Nuko Aburahamu ahamba Sara umugore wiwe aho mw’isenga ry’i Makapela, hafi y’i Mamure (ari ho Heburoni), mu gihugu c’i Kanani. 20Uko ni ko Aburahamu yahawe n’Abaheti iryo tongo n’iryo senga biba ivyiwe burundu nk’ikibanza co guhambamwo.
Currently Selected:
Itanguriro 23: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.