1
Zefaniya 1:18
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ifeza zabo canke inzahabu zabo nta na kimwe kizoshobora kubakiza, ku musi w’uburake bw’UHORAHO.” Mu kururumba kw’ishari ryiwe isi yose iyo iva ikagera, izotongorwa n’umuriro, kuko azoshiraho iherezo mu buryo bwihuta ry’abantu bose bari kw’isi.
Compare
Explore Zefaniya 1:18
2
Zefaniya 1:14
Umusi uhambaye w’UHORAHO uri hafi, uri hafi kandi uje wihuta. Amarira yo ku musi w’UHORAHO azoba ateye agahinda, aho n’umuhizi mu ntambara azoboroga.
Explore Zefaniya 1:14
3
Zefaniya 1:7
Nimuhwekere imbere y’UHORAHO Nyeninganji, kuko umusi w’urubanza rwiwe uri hafi. UHORAHO yarateguye ikimazi; yaramaze gutegura abo kugitanga.
Explore Zefaniya 1:7