1
Habakuki 3:17-18
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Naho umusukoni wanje utoshurika, inzabibu zanje ntizame, naho umwimbu wa elayo worumba imirima ntigire ico yera, naho intama zohera mu rugo, umukuku ugahera mu ruhongore, nzonezererwa UHORAHO, nzohimbarirwa Imana y’agakiza kanje.
Compare
Explore Habakuki 3:17-18
2
Habakuki 3:19
UHORAHO Nyeninganji ni we nkomezi zanje; akomeza ibirenge vyanje nk’ivy’ingeregere, anshoboza kugendera ku dutwe tw’imisozi.
Explore Habakuki 3:19
3
Habakuki 3:2
UHORAHO, numwise ukwamamara kwawe, mpagarara ntewe ubwoba n’ibikorwa vyawe bitangaje, yewe UHORAHO. Subira ubikore muri kino gihe cacu, bimenyekanishe mu gihe co kubaho kwacu; ariko mu burake bwawe, wibuke kugira imbabazi.
Explore Habakuki 3:2