Maze UHORAHO aranyishura, ati:
“Andika ivyo uhishuriwe,
ubishire ahabona ku bisate vy’amabuye
ku buryo vyorohera gusoma, uwugenda asemerera.”
Kuko ivyo wahishuriwe birafise igihe bizoshikirako.
Bivuga ivy’igihe c’iherezo,
kandi ntibibesha.
Naho vyoteba,
ubirindire;
nta nkeka bizoba, kandi ntibizoteba.