1
Itanguriro 24:12
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Arasenga ati: “UHORAHO, Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze umpe kuroranirwa uwu musi. Niwereke databuja Aburahamu urukundo rwawe rudahemuka.
Compare
Explore Itanguriro 24:12
2
Itanguriro 24:14
Umukobwa nja kubwira nti: ‘Ndakwinginze uhengeke umubindi wawe, umpe amazi yo kunywa,’ na we akavuga ati: ‘Ehe nunywe kandi n’ingamiya zawe nca ndazivomera,’ uwo abe ari we watoranirije umusavyi wawe Isaka. Ico ni co kiza kunyereka ko wagiriye databuja urukundo rudahemuka.”
Explore Itanguriro 24:14
3
Itanguriro 24:67
Isaka ajana Rebeka mw’ihema. Iryo hema ryahora ari irya nyina Sara. Nuko amugira umugore wiwe kandi aramukunda cane. Uko ni ko Isaka yashoboye kwirurwa umubabaro yari yaratewe n’urupfu rwa nyina.
Explore Itanguriro 24:67
4
Itanguriro 24:60
Bahezagira Rebeka bamubwira bati: “Mushiki wacu, uze urondoke uvyare ibihumbi n’ibihumbi; uruvyaro rwawe ruze rwigarurire ibisagara vy’abansi bawe.”
Explore Itanguriro 24:60
5
Itanguriro 24:3-4
uheze undahire mw’izina ry’UHORAHO, Imana y’ijuru n’isi, ko utazoronderera umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani, abo mbayemwo. Ariko uze ugende mu gihugu canje, mu ncuti zanje, abe ari ho ukura umugore wa Isaka umwana wanje.”
Explore Itanguriro 24:3-4
Home
Bible
Plans
Videos